I. Hari umugabo w’imyaka irenga 40 yitwa Émile batazira Mayiro wo mu gacimbiri Gisoro, ku musozi Musave wo muri komine Kayanza, yaraye atowe ikiziga ku muhana iwe. Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro muri ako gacimbiri ka Gisoro, ngo hari nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro, aho ababanyi babona ikiziga c’uwo mugabo mu rugo iwe, afise n’igitabu ca bibiliya mu minwe. Ariko rero ngo nta wovuga ko uwo mugabo yishwe ngo kuko ata kimenyetso kiboneka ku mubiri c’uko yoba yaragiriwe nabi. Mu gipolisi bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane ico urwo rupfu rwaturutseko.
II. Ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo rirajwe ishinga n’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfunzwe ataco azira. Pierre Claver Mbonimpa arongoye iryo shirahamwe akavuga ko afise amakuru y’uko Floriane yoba ari mu gukurwa mw’ibohero rya Muyinga akimurirwa mw’ibohero ry’i Bubanza.
III. Inyuma y’aho kuri uwu wa kane twabashikirije inkuru ijanye n’ifatwa ku munsi wa kabiri uheze ry’imbonerakure zibiri zo mu gisagara ca Ngozi, ari zo Cokumpa Jonas na Girukwishaka Viator kuko bagirizwa kwiba ipikipiki y’umunyagihugu, mw’ijoro ryakeye baraye basubiye mu miryango yabo. Inkuru ziva aho mu gisagara ca Ngozi zikamenyesha ko nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro ariho Ndayizeye Emmanuel, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Ngozi yaja gutora izo mbonerakure ku gasho ka komisariya y’igipolisi arazitahana. Abo bagabo bakaba barekuwe kw’itegeko ry’umushikirizamanza wa Republika Yamuremye Prosper ari na we yari yatanze itegeko ry’ukubafata. Mu kibanza cabo haciye hafatwa Ndayisaba Hassan, wa munyagihugu yari yabaguriye ipikipiki y’inyibano, haraciye imyaka ibiri. Aho mu gisagara ca Ngozi imyidogo ikaba ari myinshi mu banyagihugu, aho bavuga ko bitumvikana ukugene ubutungane bwofata bugapfunga abafatanywe itonga, hanyuma bukabarekura hadaciye na kabiri ku gitsure c’abarongoye umugambwe CNDD-FDD. Radiyo Inzamba tukaba tutararonka kuri telefone umushikirizamanza wa Republika i Ngozi, ngo atange umuco kuri ayo makenga.
IV. Umugwi ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi CVR tubona muri kino gihe si wo wumvikanyweko mu masezerano y’amahoro y’i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Ivyumvikanywe vyose nta na kimwe umugwi CVR uriko urashira mu ngiro. Bisigurwa na Muganga Alphonse Rugambarara umwe mu bagiye i Arusha mu biganiro vy’amasezerano y’amahoro. Ivyo abivuga afatiye ku cegeranyo giherutse gushikirizwa n’umugwi CVR aho bagiriza impunzi z’abarundi zahungiye mu Burundi ko zakoreye ubwicanyi abantu bo mu bwoko bw’abahutu. Muganga Rugambarara avuga ko uyo mugwi bari bumvikanye ko ujaho mu ntwaro mfatakibanza kuko udashobora gukora neza ku ntwaro y’umugambwe umwe, ari na vyo biriko birakorwa uyumusi.
V. Umuhari INAMAHORO, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, usaba abarongoye Uburundi gushira ku murongo umugwi CVR ujejwe ukuri no gusubiza hamwe kw’abarundi. Uwo muhari ubona ko Pierre Claver Ndayicariye n’umugwi CVR arongoye, bariko barakwegera igihugu mu kaga k’amacakubiri ashingiye ku moko, ugasaba abarundi kuhagabira. Marie Louise Baricako arongoye umuhari INAMAHORO.
VI. Amazu 130 yarabomowe n’umwuzurira w’amazi yatewe n’imvura nyinshi yononye ibintu bitari bike ku musozi Mutambara, aho bita mu kigwati ca gatatu ni muri komine n’intara ya Rumonge. Imvura yaguye kuri uyu wa kane, ari na yo yateye uwo mwuzurira, yatumye amakaye y’abanyeshure, ibikoresho vyo mu mazu n’ibindi bitwarwa n’amazi. Iyo miryango isaba kugarukirwako.
VII. Abunguruza abantu na bo bo ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, baridoga kubera ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence bumaze indwi 2 bwibonekeza ku ma station. Ubwo bukene buriko buratuma abadereva baduza ibiciro vyo kwiyunguruza, eka n’ibindi bidandazwa. Ilitiro y’igitoro ca essence ubu ikaba igeze ku mafaranga ibihumbi 12 000 kw’isoko rya magendu.
VIII. Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu abeshuza amakuru ariko arakwiragizwa y’uko igitoro kigira gisubire kuduzwa igiciro. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, Ibrahim Uwizeye aragabisha ama stations atariko aratanga igitoro nk’uko bitegerezwa, y’uko uwuzofatwa muri ubwo buryo azohanwa vy’akarorero.