Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/10/2019

Publié le 22 octobre 2019 par Rédaction

Hazindutse urwamo rw’amasasu kur’uyu wa kabiri mu ntara ya Bubanza mu gace ka komine Musigati mu gihe umugwi w’abitwaje ibirwanisho winjiye ugatana mumitwe n’abajejwe umutekano. Abanyagihugu bo mu bice vyariko biraberamwo ingwano bakaba bataye ingo zabo. Amakuru ava ngaho i Musigati akaba avuga ko abo bagwanyi bashobora kuba bazimanganiye mw’ishamba rya kibira. Hakaba hakurikiye n’ifatwa ry’ abanyagihugu.

Mu bafatiwe aho nyene mu ntara ya Bubanza harimwo abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bafatiwe muri komine Musigati bagiye gutohoza ayo makuru ajanye n’ico gitero. Iryo fatwa rikaba ryategetswe n’uwararongoye ibikorwa vy’ingwano muri ako karere. Gushika ubu, bakaba bafungiwe muri commissariat y’igipolisi i Bubanza.

Hari umupolisi yabuzwe irengero ku murwa mukuru w’intara ya Rutana. Amakuru dukura ku murwa mukuru w’iyo ntara atumenyesha ko mu gitondo c’uyu wa kabiri  ariho hatowe impuzu z’akazi uwo mupolisi ataramenyekana izina yari yambaye ; impuzu zatowe musi y’ikigo ca SOS  aho mu Rutana. Abanyagihugu bagakeka ko yoba yishwe anizwe kuko aho hatowe impuzu biboneka ko baharwaniye. Abapolisi baciye bacungera ako gace bikomeye ku buryo atawuhegera. Isoko ryacu aho mu rutana rikaba rimenyesha ko uyo mupolisi yirirwanye n’abagenzi ahitwa mu karindo aho mu Rutana nyene. Abanyagihugu bagasaba ko abo birirwanye bofatwa bakabazwa iyo mugenzi wabo ari.

Ishirahamwe  AC  GENOCIDE  CIRIMOSO  riratewe umutima uhagaze  n’uko atakiriko kirakorwa kugira ngo ababuze ababo inyuma y’urupfu rwa Melchior Ndadaye batunganirizwe. Ishirahamwe  AC GENOCIDE  CIRIMOSO  risaba ubutungane mpuzamakungu bwigenga ko bwotanga umuco ku vyabaye, abakoze amabi bagahanwa hakurikijwe amategeko. Ivyo ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO ryabisavye  ejo ku musi wa mbere igihe ryari ryagiye kwunamira ababo ku cibutso c’abanyeshure bo kw’ishure lycée Kibimba  barenga 60 baturiwe babona  kw’itariki rya 21 gitugutu 1993. Térence Mushano icegera c’umukuru w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO.

Abavyeyi b’abana b’impunzi bahungiye mu bisagara bitandukanye vyo mu gihugu c’Urwanda bakiriye neza ishingwa rya komite izokwegeranya uburyo buzofasha abana kwiga. Iyo ngingo yafashwe kur’uyu wa mbere ikaba ije hageze kuko bitari vyoroshe kwigisha abana, bamwe mu bavyeyi baragaragaza umunezero.

Impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Mtendeli muri Tanzaniya zaraye ntibuca zifise ubwoba bwo guterwa. Ivyo ngo bikaba  biterwa n’uruja n’uruza rw’abantu batamenyerewe mur’iyo kambi bagasaba ko umutekano wabo wubahirizwa.

Ibindi bisa n'ibi