Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/10/2022

Publié le 22 octobre 2022 par Rédaction
I. Ikibazo ca bamwe mu barundi baba mu gihugu ca Soudani Y’epfo gitera kibangamira abo barundi bagiye guca amafranga muri ico gihugu. Kuva aho bakiwe impapuro zibaranga babayeho baturatura, amafranga agera ku ma dolari 270 ni yo basabwa kuriha bagaca barekurwa, naho nyene ntibaheze ngo baronswe uruhusha rwo kuba muri ico gihugu. Ikibazo cararengeye ababaserukira mw’ishirahamwe ry’abarundi babayeyo, ni mu gihe muri Sudani y’epfo ata biro biriyo vy’ubuserukizi bw’Uburundi bokwitura.
II. Haracariho igipfungu ku rupfu rw’umwe mu bagendesha ipikipiki zica amahera muri komine Kayogoro, intara ya Makamba, hari ku wa kabiri uheze. Abajejwe intwaro n’igipolisi bemeza ko rwavuye kw’isanganya yagize. Amakuru ava mu begereye aho vyabereye hamwe na bamwe mu banyonga ama pikipiki aho mu Kayogoro yo, yemeza ko yarashwe n’umupolisi. Kubona uwo mupolisi acidegemvya akaba ata n’amatohoza ku rupfu rw’uwo yapfuye ariko araba, birahagaritse umutima abandi bari basangiye akazi. Bavuga ko batinya kuzokwicwa nk’ukwo vyashikiye mugenzi wabo.
III. Ubukene, inzara, ni vyo nkwezi y’amabi y’ubwoko bwose yibonekeza mu ngo z’abubakanye. Ivyo bishikirizwa na Ernest Nkurunziza yanonosoye ivyerekeye imibereho y’abantu, ivyo abivuga yisunze ubwicanyi bumaze imisi buba hagati y’abubakanye, aho hari abagore babiri bishwe n’abagabo babo mu ntara ya Muyinga, n’uwundi umwe yishwe n’umugabo wiwe mu ntara ya Makamba.
IV. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kigaruka ku ngingo yo kwugurura amazu avunjishirizwamwo amafranga mvamakungu.

Ibindi bisa n'ibi