Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/11/2021

Publié le 22 novembre 2021 par Rédaction
I. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke, yafashwe n’igipolisi muri iyo komine kuri uyu w’Imana uheze. Uwo akaba abaye umunywanyi w’uwo mugambwe agira gatandatu, afashwe mu kiringo c’indwi imwe gusa. Iryo fatwa agasakisaki ry’abanywanyi b’umugambwe CNL rikaba riteye ubwoba n’amakenga menshi abandi banywanyi.
II. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka ririyamiriza iryo nyuruzwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL ryimonogoje muri ino misi. Risaba rishimitse leta y’Uburundi kugira amatohoza mu ntumbero yo guhana abakora ubwo bubisha n’ayandi mabi yose akorerwa abatavuga rumwe na yo. Anschaire Nikoyagize arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka.
III. Umugwi w’igihugu wigenga uharanira agateka ka zina muntu CNIDH umenyeshako uzi ibijanye n’ifatwa hamwe n’ipfungwa rya Béatrice Nyamoya. Uwo asanzwe azwi nk’uwuharanira agateka k’abakenyezi, yahagaritswe ku munsi wa gatandatu uheze ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’abakozi b’iperereza. Sixte-Vigny Nimuraba arongoye CNIDH, amenyeshako umuryango wiwe wamenyeshejwe ibijanye n’iryo hagarikwa, ku bwiwe avuga ko ari ku mvo z’amatohoza. Arongerako ko umuntu uwari we wese ashobora guhagarikwa akumvirizwa n’inzego zibifitiye uburenganzira.
IV. Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi CBDDH rurasaba leta y’Uburundi kurekura ata gisabwe umushingwamanza Béatrice Nyamoya, ari mu baharanira agateka ka zina muntu. Ku bwa Eulalie Nibizi ajejwe gutunganya ibikorwa mu runani CBDDH, ihagarikwa rya Béatrice Nyamoya ryagiyemwo iterabwoba ry’ ubutegetsi.
V. Hari umuntu yahoze akorera ku bitaro vya Makamba yaraye ijoro rya mbere mw’ibohero rya parquet ya Makamba kuva kuri uyu w’Imana. Lambert Masabo yakorera mu gisata co gusinziriza abashaka kubarwa  kuri ivyo bitaro (Anesthésie), akaba yaheruka kurekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Nk’uko amakuru ava I Makamba abivuga, Masabo yahagaritswe na Fidèle Nyabenda, umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza ya Makamba, igihe yariko ararorera umupira w’amaboko ku kibuga ca Makamba.
VI. Imvura y’igihuhusi ivanze n’urubura yarononye  imirima  y’imiryango yababa 1500 ku mitumba itatu yo muri komine Marangara n’intara ya Ngozi. Iyo mvura ikaba yaguye mu mpera z’iyi ndwi iheze. Abahuye n’ivyo vyago basaba abagiraneza ko bobagarukirako.
VII. Abantu bane mu bagirizwa igitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana kigahitana umuntu umwe mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Lusenda mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi, barafashwe. Ariko rero naho hafashwe bamwe mu bagizi ba nabi kubera impunzi ziraririye, ngo bagumana ubwoba kuko babwirwa ko aba kongomani bo mu bwoko bw’Ababembe bahiga bagahigura ko bazobatera.  Bagasaba ko umutekano wabo wocungerwa.
VIII. Impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya ziridogera abajejwe umutekano bo muri iyo kambi bita abasungusungu, kubera bihanira abo bafashe mu makosa. Izo mpuzi zivuga ko impunzi ifashwe mw’ikosa ikubitwa cane, itabanje kumvirizwa. Izo mpunzi zisaba ishirahamwe HCR n’abarongoye Tanzaniya gufasha, kugira iyo nyifato y’abo basungusungu ihagarare.
IX. Umusi ugira uwa 13 w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi wasozerewe kuri uno w’Imana hinjiye ibitsindo 21 mu nkino umunani. Muri volleyball, imigwi izokina igice ca kabiri gishira ica numa mw’ihiganwa ry’Uburundi yose yaraye imenyekanye. No muri Basketball imigwi ine izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’ikinyobwa VIVA, na yo nyene yaraye igiye ahabona.

Ibindi bisa n'ibi