I. Umumenyeshamakuru Jérémie Misago akorera ikinyamakuru Iwacu yashikirijwe umuryango wiwe bikozwe n’igipolisi c’Uburundi ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri. Akaba yaraye mu gasho k’ibiro vy’iperereza kugira igipolisi kigire amatohoza kuri iyo misi yaramaze atawuzi iyari, kuva ku musi wa gatandatu. Misago wenyene yamenyesheje ko yari yagiye ku musozi wa Magara mu ntara ya Rumonge, kugira asenge, kubera ibibazo yarafise vyo kudashobora kwishura amadeni yarafitiye abantu. Yemeza ko ata yindi mvo yamutumye kugenda ata n’umwe abwiye. Akaba yabonetse inyuma yaho kuva kuri uyo munsi wa gatandatu, umuryango n’abo bakorana bari bamubuze mu gihe yarasanzwe afise urubanza rwo kuja kwerekana uwo bazokwubakana, ari na co cateye amakenga umuryango wiwe.
II. Nta guhohotera kiremwa muntu bikirangwa mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu kiganiro yahaye iradiyo y’abafaransa RFI na television France 24. Ku bwiwe ngo ababishikiriza n’abangushi.
III. Anschaire Nikoyagize avuga ko ivyo umukuru w’igihugu yamenyesheje Atari vyo kuko mu misi 81 gusa iheze, ishirahamwe ligue Iteka arongoye, ryamenye abantu 70 bishwe. Agasaba ahubwo umukuru w’igihugu gutohoza kuri ayo mabi, agashira ibikorwa imbere kugira agateka ka zina muntu kareke gutosekazwa mu Burundi.
IV. Uwahoze arongoye umutumba Butezi wa komine Giharo intara ya Rutana ari mu minwe y’igipolisi, kuva ku musi wa kane w’indwi iheze. Yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wo kuri uyo mutumba azwi kw’izina rya Vyuname Gamaliel. Uyu nawe yishwe inyuma y’ukunyuruzwa, haraheze indwi zibiri.
V. Uburundi bwimirije ibihe bitoroshe na gato mu gihe abarundi babandanya kurwirirana ku murindi udasanzwe. Ayo n’amakenga ari mu mwihwezo w’umuhinga mu bijanye n’ubutunzi André Nikwigize. Akaba abivuze mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU riherutse kwerekana ko isi iriko gushika muri uyu mwaka abantu imiliyaridi 8. Uyo muhinga akavuga ko mu gihe Uburundi busanzwe ari bwo bwa mbere bukenye kw’isi, abarundi bazogira ingaruka mbi nyishi mu gihe abarenga 82% badafise ibibatunga.
VI. Barasaba amashirahamwe yabigishije imyuga kubaronsa impapuro zemeza ko bavyize bita certificat. Abo ni impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Aho ni mu gihe izo nyigisho z’imyuga itandukanye, zagiye ziratangwa kuva mu myaka ine iheze. Bavuga ko iyo basavye izo mpapuro, amashirahamwe yabigishije yirabira hirya kandi izo mpapuro ziba zikenewe, mu gihe kugira uheze, wiga amezi atandatu.