-
Uburundi ngo ntibushobora kuzoshika kwihangiro bwihaye ryuko mumwaka wi 2040 gushika mu 2060 kizoba kiri mubihugu biriko bitera imbere mugihe leta iterekana neza ingene ikoresha amafaranga ivyo bita transparence budgetaire.Ivyo bivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem aho avuga kandi ko iryo hangiro rigoye gushikako uravye amadeni yumurengera Leta iguma ifata. Faustin Ndikumana yabivuze kuruno wagatatu mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kubijane namafaranga leta yateguye gukoresha uyu mwaka.
-
Faustin Ndikumana asba Leta ko yosubiramwo integuro yamafaranga yategekanije gukoresha kandi bikaba kumugaragaro .
-
Hari umukenyezi azwi kw’izina rya pelajiya wo kumutumba Mbizi commune kibago mu ntara ya Makamba atabarizwa n’ababanyi biwe. Uwo mukenyezi ari mu gasho haraheze indwi bitumwe n’umugabo wiwe Sinumvayabo sylvestre yamuzaniyeko abahabara 2 bigatuma bama baratana mumitwe. Ababanyi buwo muryango bakagiriza uwo mugabo kuba yakoresheje igikenye mugupfungisha uwo mukenyezi kubera amabanga afise mu mugambwe CNDD FDD ku mutumba Mbizi.
-
Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi CBDH/VICAR riranegura amabi abandanya akorerwa impunzi mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Ni inyuma yaho mu ntango zino ndwi, uturima duto duto twahora dusahiriza izo mpunzi twararandaguwe eka n’ibidandazwa bitandukanye bahora bacuririza mw’isoko birasanzazwa. Kubwa Jean Bosco Vyizigiro avugira iryo shirahamwe, ngo birateye isoni ingene igihugu ca Tanzaniya kibandanya gihonyanga amasezerano akingira impunzi, agasaba abafise ico baterera bose gusaba yuko uburenganzira bw’izo mpunzi bwubahirizwa.
-
Kirazira kikaziririzwa ko umusirikare uwariwe wese w’igihugu ca leta iharanira demokrasi ya Kongo kwunga imigenderanire n’abagwanyi bo muhari FDLR bagwanya igihugu c’Urwanda . Iryo ni itegeko ryaraye ritanzwe n’igisirikare ca Kongo . Mw’itangazo ryiwe umuvugizi w’ico gisirikare General- Major Ekenge Bomusa EFOMI Sylvain yagabishije uwo wese azorenga kuri iryo tegeko ko azohanwa bimwe vy’akarorero.
-
Kugira Congo yemere ko ari vyo ikorana na FDLR vyavuye ku gitsure ca Amerika. Ariko rero bizoyigora kugira ibikore kuko bakwiye mu nzego zose z’igisirikare ca bo. Uko ni ko Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano mu buseruko bwa Congo, abona ivyo biheruka kuvugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo. Albert Rudatsimburwa ati ikibazo cari kigeze ahakomeye kuko FDLR iri ku mupaka hamwe n’abasoda ba Congo kugira batere Urwanda.