I. Abantu barenga cumi baritavye Imana, abarenga mirongo ibiri barakomereka cane, abandi ntawuramenya irengero ryabo bivuye ku mvura nyinshi yaguye mw’ijoro ryo kuwagatandatu rishira uno wa Mungu muri Q. Nyabagere, zone Gihosha mugisagara ca Bujumbura. Abajejwe intwaro hasi basaba uwobagarukirako vyihuta.
II. Imyidogo ni myishi ku bayangayanga bo ku murwa mukuru w’intara ya Makamba, aho n’inyuma y’ingingo zafashwe na Buramatari w’intara ya Makamba yo kugabanya ibiciro vy’inyama mu gihe bavuga ko bazigura mu gihugu ca Tanzaniya ku giciro kinini, ni mugihe kandi ifaranga ry’u Burundi ribandanya guta agaciro ugereranije n’amashiringi yo muri Tanzaniya.
III. Uwurongoye umugambwe CNL muri komine Butaganzwa, y’intara ya Kayanza arapfunzwe kuva ku musi wa gatanu ku mugoroba n’abajejwe iperereza muri iyo ntara. Bivugwa ko yoba azira ubutumwa yanditse ku buhinga bwa Whatsapp, aho yariko aranegura ikubagurwa n’iburabuzwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL muri iyo komine. Umuryango wiwe bafise amakenga ku mutekano wiwe kuko bataramenyeshwa aho apfungiwe.
IV. Umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Ntega intara ya Kirundo, ari mu bitaro kuva mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu. Yakomeretse akubiswe n’imbonerakure zo muriyo komine. Akaba yagirizwa ko yagumuye abandi ababuza kuja gukora ibikorwa rusangi vyo kuwa gatandatu uheze.
V. Urunani CFOR-ARUSHA ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta yi Bujumbura, ruriyamiriza amajambo rubona ko ari ayo kubiba urwanko n’amacakubiri yashikirijwe na Petero Nkurunziza. Ku musi wa gatanu uheze aho yariko arifuriza umwaka mwiza inzego z’umutekano ; Petero Nkurunziza yabasavye kwirinda abo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi.
VI. Abana 2 nibo baraye bahitanywe n’imvura muriri joro ryaraye rikeye baguweko n’inzu ku mutumba Butarugera, komine Butihinda n’intara ya Muyinga, biturutse ku mvura nyishi yaraye iragwa mur’iri joro. Ikaba yagiye guhita ku mutaga wo kuw’Imana, nkuko abanyagihugu bamwe baturuka ku mutumba Butarugera babimenyesheje Radio Inzamba. Abo bana bakaba babomokeweko n’inzu, uwa gatatu arakomereka nkuko ayo makuru abandanya abimenyesha.
VII. Musitanteri wa komine Cankuzo Nyadwi Innocent yaraye akuwe mu mabanga yokurongora iyo komine. Yakuwe ku munsi w’ejo wa gatandatu n’inama mpanuzwajambo ya Komine. Bwampevye Gaetan arongoye iyo nama yamenyesheje ko ikurwa rya Nyandwi Innocent rifatiye kukutaja inama ningingo nabo bari bafadikanije kurongora iyo komine be nukwona ubutunzi. Kuri 13 bagize iyonama ya Komine, umwe niwe yatoye ko atokurwa uwundi nawe akaba aterekanye aho ahagaze.