Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/12/2021

Publié le 22 décembre 2021 par Rédaction
I. Abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC bemeje kuri uno wa gatatu iyinjira ry’igihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi muri uwo muryango. Uburundi bukaba bwari bwaserukiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza. Akaba yakeje ico gihugu avuga ko bizofasha gukomeza kugwanya amabi y’ubwicanyi butandukanye mu karere. Ariko rero Prosper Bazombanza yavuze ko ku vyerekeye igihugu c’Uburundi amahoro yiraye, aho yaciye ahamagarira abarundi bahunze gutahuka.
II. Mu gihe icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza amenyesha ko amahoro yiraye mu Burundi, mu mugambwe CNL siko babibona. Bamenyesha ko babandanya bahamba ababo batagwaye kubera umutekano muke. Uwurongoye uwo mugambwe Agathon Rwasa, akaba yabimenyesheje mu gihe bariko barashingurana iteka Matata Augustin yitavye Imana inyuma yo gusinzikarizwa ubuzima mw’iperereza.
III. Ngo nta gishasha umugwi CVR uzanye mu kuvuga ko mu mwaka wa 1972 habaye ihonyabwoko ry’abahutu. Ivyo bisigurwa na Karori Mukasi yahoze arongoye umugambwe Uprona, avuga ko inama nkenguzamateka y’uno musi iza yari yaramaze kwerekana aho ihagaze kuri ubwo bwicanyi bwabaye ku ntwaro ya Michel Micombero. Ku bwiwe ngo biratangaje ko intwaro y’uno musi yemeza genocide ariko ntishake ko haboneka sentare mpuzamakungu ihana abakoze ivyaha.
IV. Umugabo umwe mu bari bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi mu gisagara ca Ngozi, yaraye yishwe muri iri joro ryakeye akubiswe n’abandi banyororo bapfunganywe. Abagabo batatu bagirizwa gukora ico caha, bari mu minwe y’igipolisi kugira bakorerwe dosiye. Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi bagasaba inyamiramabi kurushirizaho kurikanura, kugira mwe n’ayo mabi ntasubire.
V. Umunyagihugu azwi kw’izina rya Lambert Miburo w’imyaka 35 yaba ku mutumba Kivoga wa zone Munagano muri komine n’intara ya Muyinga, yaritavye Imana mw’ijoro ryo ku wa kabiri rishira ku wa gatatu, inyuma y’aho yarahejeje kugwana na mugenziwe yitwa Yoronimu Miburo, nk’uko amakuru ava ku mutumba wa Kivoga abimenyesha. Abo bagabo ukwo ari babiri, ngo bakaba bari baborewe nk’uko ayo makuru avyemeza. Bamwe mu babonye aho abo bagabo babiri bakubitana, bakamenyeshako urupfu rwa Miburo Lambert ari isanganya, ngo kuko uwo bariko baragwana atari yateguye kumwica.
VI. Abategetsi b’ibitaro vya Makamba baragirizwa na bamwe mu bakora muri ivyo bitaro ibijanye no gukinga ikwirakwira ry’ikiza ca corona muri iyo ntara. Bagirizwa gutegeka bamwe mu bakozi b’ibitaro kubatana akazi mu gihe bahejeje kwipimisha, bagasanga baranduye. Bamwe mu bakozi ba leta b’aho i Makamba bavuga ko ivyo bagiriza abarongoye ibitaro bisigurwa n’irwirirana ry’abandura ku rugero runini. Abo bakozi ba leta bakanegura ingene abarwaye babandanya gutembera mu banyagihugu ataco binona, kubera bataronswa inyigisho z’uko bokwifata kugira ntibanduze abandi.
VII. Leta y’Uburundi yari ikwiye guhagarika ibikorane n’amakoraniro bibera mu gihugu, mu rwego rwo gukinga ikwirakwizwa ry’umugera wa corona, ugize iminsi usasika inganda mu gihugu. Ivyo vyavuzwe na bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba kuri uyu wa gatatu. Kuri bo, leta yari ikwiye nyabuna gufata ingingo zose zishoboka kugira ngo ikiza ca corona gituzwe mu gihugu.
VIII. Umukuru w’igihugu c’Urwanda muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu bigize EAC, yahamagariye ibindi bihugu gushira inguvu hamwe kugira batuze ikiza ca Covid-19. Paul Kagame arongoye igihugu c’Urwanda.
IX. Umugwi w’ishirahamwe ONU ujejwe kugwanya kuborezwa igufa kw’isi urababazwa n’ingene igihugu c’Uburundi kitariko kirakorana nawo uko biri, kuvyerekeye ama dosiye y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bakorewe amabi adasanzwe kuva mu mwaka wa 2014. Mu ngingo iheruka kwemezwa, uwo mugwi w’ishirahamwe ONU usaba leta y’Uburundi gutanguza vuba amatohoza yigenga kuri ayo mabi kugira abayagirizwa barengutswe imbere y’ubutungane, abayakorewe na bo baheze bashumbushwe. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ACAT, ishirahamwe rukristu rigwanya gusinzikariza ubuzima bwa Kiremwa muntu mu Burundi.
X. Imyidogo ni yose ku badandaza b’ibinyobwa vya BRARUDI bo muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba batari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Abo badandaza bavuga ko muri iyo komine, abadandaza baturuka mu mugambwe CNDD-FDD aribo bigaruriye gucuruza no kuranguza ibinyobwa bihingurwa n’ishirahamwe BRARUDI babifashijwemwo n’abajejwe intwaro ku rwego rwa komine. Abo badandaza bakabona ko ari akarenganyo kadasanzwe.

Ibindi bisa n'ibi