I. Bamwe mu bavyeyi barereye kuri Lycée Mwaro, iri mu ntara ya Mwaro, baratewe amakenga n’inyifato y’abanyeshure bamwe bamwe hageze kwipimisha ikiza Covid 19 mu kivunga, baca banyika ntibipimishe. Ivyo vyabaye kuri uyu wa gatanu, mu gihe batoye abanyeshure bangana 45 banduye ico kiza. Abavyeyi bakabonako hamwe abanduye bakize, bazosubira banduzwe ico kiza nabo banse kwipimisha mw’isekeza rya bose.
II. Akazi k’abunguruza abantu n’ibintu ku ma moto gasa n’akahagaze ku murwa mukuru w’intara ya Makamba. Kuva ku munsi wa gatatu w’ino ndwi, abapolisi baguma bafata ama moto ayari yo yose harimwo n’ayabikorera utwabo. Bo bavuga ko bariko barasuzuma ivyangombwa vyazo, yamara ba nyenezo bakabona ko hoba hariho iyindi mvo.
III. Ubwicanyi bukorerwa abarwizatunga mu Burundi ngo busa n’ubwabaye ingendo mu butegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD. Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe FOCODE, yerekana ko kuva mu mwaka 2016 abarwizatunga icenda ari bo bamaze kumenyekana ko bagandaguwe gushika muri Munyonyo umwaka 2020. Ku bwa Pacifique Nininahazwe arongoye iryo shirahamwe, avugako ubwo bwicanyi akenshi ata mvo za politike ziba zirimwo, ko cane cane buba buhagaze ku burusho bworonse abo barwizatunga, ariko bamwe mu bihangange mu mugambwe CNDD-FDD baba batabishaka, canke hari amabanga bazi kuri ivyo bihangange. Akavuga kandi ko urupfu rwa Thierry Kubwimana narwo ruza muri urwo rutonde.
IV. Kubw’ishirahamwe FOCODE, ukuntu igipolisi n’ubutungane baheza bakiteza utunyoni barementanya aho kurondera koko abagirizwa ubwo bwicanyi, ngo ni kimwe mu bimenyetso vyerekana ko ababa bafise uruhara muri ubwo bwicanyi baba ari abantu bakomeye cane, mu nzego z’igihugu n’umugambwe. Pacifique Nininahazwe akavuga kandi ko umuntu umwe gusa muri abo icenda, ariwe hashobora kuba haragiyemwo imvo za politike.
V. Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega, bariyamiriza ingingo yo guhagarika imirimo mur’iyi minsi hariko haba igikorane catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD mur’iyo ntara. Ishirahamwe OLUCOME, rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu, rigasaba ko aberwa n’ivyo bikorane boza barabitunganya mu ntumbero yo kuhakura inyigisho zotuma bahindura ingendo, aho kuhasesagurira ubutunzi bw’igihugu.
VI. Ikigabane « Kw’isoko » c’uno musi kigaruka kw’ikoreshwa ry’udusandugu two gutamwo imyavu duherutse gushirwa muri zone ya Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.