I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaramenyesheje ko agiye gufuta amasezerano ajanye n’ugucukura ubutare yateweko igikumu n’abategetsi b’imbere yiwe, amasezerano atuma abategetsi bamwe bamwe banyonora amatungo ya leta. Ivyo akaba yabivugiye i Gitega kuri uyu wa Mungu uheze mw’ikoraniro ry’umugambwe avamwo, CNDD-FDD. Yasavye abategetsi kwirinda gukorera inda zabo bagakora ku neza y’igihugu.
II. Urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta, rubona ko imvugo nziza za Evariste Ndayishimiye zidakurikirwa n’ibikorwa, zimaze kuruhisha abarundi. Jean Bosco Rwigemera, icegera c’umukuru w’urwo runani, avuga ko abarundi bakeneye intwaro y’ibikorwa.
III. Abantu bose bafise amatungo y’igihugu banyuruje ni barabe bikubite agashi bayasubize mu kigega ca leta. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu masengesho yaherukamwo mu ntara ya Gitega. Umukuru w’igihugu atunga agatoke cane cane abantu batwaye amafranga y’igihugu ikibonane.
IV. Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, umukuru w’igihugu nta burenganzira na buto afise bwo guca impande y’ayo mategeko, nareke nyabuna inzego zibijejwe zikore amatohoza ahagije, abo basahuye bakubitwe intahe mu gahanga.
V. Igihano c’ugufungwa imyaka itanu n’ukwirukanwa mu Burundi ni co parquet nkuru ikukira sentare isubiramwo imanza y’i Ngozi, yasabiye kuri uwu wa mbere umuhindi Tosif Ilayas. Uwo na we akaba yagirizwa kuba kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo, mu mwaka uheze, yarakomerejeje cane kandi n’impaka umwana w’umwigeme w’umunyeshure w’imyaka 13, amucumise icuma bita tourne-vice mu mutwe. Abavyeyi b’uwo mwana bavuga ko bagiriye imbabazi uwo muhindi, kandi ko n’indishi y’akababaro y’imiriyoni cumi yasabwa bavyihereje. Bamenyesha ko yabahaye imiriyoni zitanu atako aravuza n’uwo mwana. Abashingwamanza b’uwo mugabo bavuga ko uwo baburanira yemera icaha ariko ko atari yagiteguye, bagasaba sentare kumugirira ikigongwe, igaca inkoni ngufi hisunzwe ingingo ya 221 y’igitabu mpanavyaha. Urubanza sentare ikaba yarushize mu mwiherero, rukazosomwa igenekerezo rya 10 z’ukwezi kwa Ruhuhuma.
VI. Hari umusore umwe mu bagize umugwi w’abasuma umaze iminsi utegera abantu mw’ijoro ukabiba ku mutumba Birimba mu gisagara ca Rumonge, yafashwe akaba afungiwe muri commissariat y’igipolisi ya Rumonge. Abanyagihugu baba kuri uwo mutumba bagasaba ko uwo mugwi wose wotuzwa.
VII. Abanyagihugu baba kw’ibarabara rya 15 muri zone ya Maramvya, komine ya Mutimbuzi, baragiriza buramatari w’intara ya Bujumbura gukingira ikibaba abariko baragurisha amatongo yabo babanje kuyabanyaga. Bavuga ko uwugize aravuga agirwako iterabwoba na bamwe biyita ko bakorera iperereza ry’umugambwe uri ku butegtsi, abandi na bo bakiyita ko bakora mu biro vy’umugambwe uri ku butegetsi. Abo banyagihugu basaba leta kubagarukirako kuko bashobora kwibwa amatongo yabo.
VIII. Uno munsi indwi igira kabiri abanyeshure bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya bahagaritswe kuja ku mashure, kubera ukutumvikana hagati y’amashirahamwe abiri ajejwe indero muri iyo kambi. Abavyeyi babo basaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi, HCR, n’igihugu ca Tanzaniya gutorera inyishu ico kibazo kugira ngo abana basubire ku mashure.
IX. Mu makuru y’inkino yaranze indwi twaraye turangije, muri Volleyball, imigwi ya Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme ni yo yaraye itahukanye ihiganwa ku rwego rw’igihugu. Mu mupira w’amaguru naho, igice ca kabiri (phase retour) c’ihiganwa ryaratanguye kuva ku munsi wa gatanu.