I. Hari ikiziga c’umuntu catowe ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, muri komine n’intara ya Gitega. Ico kiziga c’umukobwa ari mu kigero c’imyaka 25 kikaba catowe mu mwonga ugabura ama karitiye ya Bwoga ya mbere na Rweru. Ico kiziga kikaba cari kimaze kononekara, abantu bakaba batashobora kumenya uyo muntu. Aho nyene mu ntara ya Gitega, hari umuryango wazindutse witegura kuja gufuba uwawo yitavye Imana. Bageze ku buruhukiro vy’ibitaro vy’intara ya Gitega basanga uwabo ntawuhari. Uburongozi bw’ibitaro bukaba bwabasiguriyeko bishoboka ko uwabo yoba yahambwe i Mugera n’abandi bamwitiranije n’uwabo. Ubutegetsi bukaba bwatanze uruhusha rwo kuja kuzura uwo yahambwe kugira barabe ko atari uwabo, hama bamuhambane iteka ry’umuryango.
II. Uwuserukira igihugu c’Ubutariyano mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaraye aguye mu mutego w’abicanyi muri ico gihugu. Evariste Ndayishimiye ntiyatevye kurungika Ubutumwa bwo guhoza reta y’Ubutariano n’iya Congo abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter. Kubw’umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru David Gakunzi, ngo abagirizwa ubwo bwicanyi ni aba FDLR nkuko biri mw’itanganzo ya reta ya Congo, abo nabo bakaba bacuditse n’ubutegetsi bw’i Gitega burongowe na Général Evariste Ndayishimiye. Leta y’Uburundi ngo yari ikwiye kuvavanura ubutagisubira n’uwo mugwi wakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda. David Gakunzi.
III. Inyuma y’ingingo iherutse gufatwa n’abajejwe intwaro muri komine ya Gitega yo guhagarika abunguruza abantu hagati mu gisagara ca Gitega, yoba yinyegejemwo umugambi w’umugwizatunga yegereye umugambwe CNDD-FDD. Muri izi ndwi zibiri ziheze hafashwe iyo ngingo, ama bus atanu yunguruza abantu aza yaratanguye gukorera mu bice abunguruza abantu ku makinga bahora bakoreramwo, hagati muri ico gisagara ca Gitega.
IV. Amashure matomato n’ayisumbuye yasubiye gutangura kuri uyu wa 23 Ruhuhuma 2021 mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’Urwanda. Amashure akaba yaramaze hafi ikiringo c’umwaka yugawe kugira ngo leta y’Urwanda igwanye ikiza ca Covid-19 gihanze isi yose. Mu burongonzi bw’impunzi zahungiye mu bisagara mu gihugu c’Urwanda, barakenguruka ingingo yo gusubira kwugurura amashure. Patrice Ntadohoka arongoye izo mpunzi, asaba ashimitse abanyeshure b’impunzi z’abarundi hamwe n’abigisha b’impunzi gufata iya mbere mu gukurikiza amabwirizwa y’igihugu cabahaye ubuhungiro yo kugwanya ikiza ca corona.
V. Ikiraro co ku ruzi Murago kiri ku kiraro gihuza igisagara ca Bujumbura n’intara ya Bubanza kirashobora kubomoka umwanya uwo ariwo wose, biturutse ku mazi y’imvura igwa ari nyinshi muri kino gihe. Abakoresha iryo barabara, cane cane abagendesha amamodokari, bagatinya ko gishobora kubahitana hamwe atacokorwa.
VI. Umunezero ni mwinshi ku bavyeyi, n’abanyeshure bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Kuri uyu wa kabiri, abana basubiye mu mashure kwiga. Amashure yari yarugawe kubera ikiza Covid-19, abana rero ngo bari bamaze imisi baja mu ngeso mbi kubera batiga, none ico kibazo ngo catorewe umuti.