Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/02/2022

Publié le 23 février 2022 par Rédaction
I. Abana bane bo mu muryango umwe baraye bapfuye muri iri joro ryakeye, baguweko n’inzu yaguweko n’umusozi. Aho hari mu mvura nyinshi yaraye iguye ku mutumba Mugoma, zone Muyebe ya komine Musigati, mu ntara ya Bubanza. Ababanyi b’uwo muryango, bamenyesha ko ivyabaye babibonye mu gatondo kwo kuri uyu wa gatatu, baca bihutira kubakura munsi y’ivyo bihomoke. Abo bana 4 bari hagati y’imyaka itatu na cenda bakaba baza bapfuye, nayo nyogokuru wabo hamwe n’umuhungu wiwe bari bakomeretse cane, bakaba baciye bajanwa kw’ivuriro rihegereye.
II. Abantu indwi barakomeretse bikomeye batewe grenade. Vyabereye muri komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke, ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri. Muri abo bahakomerekeye harimwo na nyene guturitsa iyo grenade, umusore yitwa Laurent asanzwe ari mu rwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Amakuru ava mu banyagihugu baho mu Gasenyi avuga ko uyo musore yitwaje igikenye mu kwishuza amafranga y’inzu yari aheraniwe. Basaba amatohoza kugira ibirwanisho bikurwe mu banyagihugu.
III. Abakenyezi barenga batanu ni bo bishwe mu ntara zitandukanye z’Uburundi muri uku kwezi kwa kabiri. Bamwe muri abo bakenyezi ibiziga vyabo vyerekana ko imbere yo kugandagurwa babanje gushurashuzwa. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro bariyamiriza ubwo bwicanyi, bagasaba leta guhagarika no guhana ubwo bwicanyi hakurikijwe amategeko.
IV. Mu ntara za Rutana na Makamba hari ubukene bw’ifumbire bikabatuma bateba guteragira. Abanyagihugu bidogera ishirahamwe FOMI bari bahaye amafranga kuva mu ntango y’ukwezi kwa mbere kugira ribaronse iyo fumbire, ariko n’ubu amaso akaba yaheze mu nzira.
V. Ishirahamwe rikora umwavu rikongera rikawudandaza FOMI ryahawe ikiringo ntarengwa c’imisi cumi kuba ryahejeje gushikiriza abarimyi umwavu wose usigaye. Ico kiringo catanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca, kuri uyu wa gatatu. Ni mu nama yagiranye na ba buramatari, abarongoye uburimyi n’ubworozi mu ntara hamwe n’abarongoye ishirahamwe FOMI. Iyo nama ikaba yatumweko inyuma y’imyidogo y’abarimyi mu ntara zitandukanye kubera ko FOMI yabacereje.
VI. Umurundi wese yifuza ko igisata c’indero kinagurwa mu Burundi arasabwa n’umuhari Nkundagihugu Map-Burundi gutanga intererano y’icokorwa. Uwo muhari ukaba watanguje isekeza kuri uwu wa mbere ryo kwegeranya ivyo vyiyumviro vyose, kugira igisata c’indero kigeze aho umwansi ashaka mu Burundi, kigarukirwe. Libérat Ntibashirakandi umuvugizi w’umuhari Map-Burundi agahumuriza abazokwitaba iryo sekeza, ko ivyiyumviro vyabo ata wundi azovyiyitirira.
VII. Umukuru w’igihugu yafashe urugendo ku mutaga wo kuri uwu wa gatatu. Mw’itangazo ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye agiye mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo, mu nama igira kabiri yiga ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro, umutekano n’iterambere rya Congo. Iyo nama ikazoba kuri uyu wa kane i Kinshasa ku murwa mukuru w’ico gihugu. Urwo rugendo rukaba rubaye urwa kabiri agize muri ico gihugu kuva atanguye kurongora igihugu.
VIII. Hari impunzi y’umurundi mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya ata wuzi iyo apfungiwe gushika ubu. Yafashwe kuri uyu w’Imana n’igipolisi c’ico gihugu, ngo nta wemerewe no kubaza ivyiwe. Inkuru ziva ngaho i Nyarugusu zivuga ko uwo mugabo asanzwe ari umufundi w’amatelefone, igipolisi camufashe kimwagiriza kwiba telefone.

Ibindi bisa n'ibi