Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/03/2020

Publié le 23 mars 2020 par Rédaction

I. Abantu barenga 80, harimwo abana n’abantu bakuze, baraye ku mupaka wa Kanyaru kuri uyu w’Imana. Igitigiri kinini cabo n’abanyeshure bahora biga mu mashure yo muri Ouganda, inyuma y’aho barungitswe iwabo, hafatiwe ingingo yo kwugara amashure kubera ikiza c’umugera wa CORONA. Mu masaha ya sasita, igipolisi cahavuye gitegeka ko bajanwa muma hoteri y’i Ngozi na Kayanza kandi bakaba aribo bazokwirihira amafranga y’iyo Hoteri. I Muyinga naho nyene, ku mupaka Uburundi buhana na Tanzaniya, hari abarundi bagera kuri 93 bugaraniwe mu mahoteri yaho i Muyinga, kugira bapimwe ko batanduye umugera wa Corona. Abo bantu bakaba, bamwe muri bo, batazi aho bazokura amafaranga yokwishura izo hoteri, kuko atavyo bari bateguye.

II. Kuva aho urwego rwa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Congo ruraba impunzi, rufatiye ingingo zogukinga ikiza Coronavirus, ingaruka z’iduzwa ry’ibiciro kubidandazwa bitandukanye ryatanguye kwigaragaza, no mu makambi y’impunzi z’abarundi bahahungiye. Mw’ikambi ya Mulongwe, abayihungiyemwo bavuga ko batabona ingene bagiye kubikika, narirya amaduka yahora abafasha yatanguye kugarwa.

III. Ukutihanganiranira hagati y’imigambwe kwaribonekeje mw’ijoro ryo kuwa 6 mu Ntara ya Kirundo, komine Busoni, zone Nyagisozi aho imbonerakure zatemaguye igitanda badandarizako impuzu c’umunywanyi wa CNL, yitwa NDAYIKENGURUKIYE Marc, zongera zimubomorerako n’umuryango. Amakuru dukuraho Nyagisozi akemezako izo mbonerakure zari zirongowe n’umukuru wazo yitwa NIYONKURU Domitien.

IV. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine Mutaho, intara ya Gitega, barasaba irekurwa rya mugenzi wabo Ndacayisaba Sicaire, ajejwe gutumatumanako amakuru muri uwo mugambwe. Yafashwe arafungirwa mu gasho ka komine Mutaho hari ku wa mbere w’indwi iheze, inyuma yo gutwarwa mugasho ka komisariya y’i Gitega. Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, bakaba badomwako urutoke kuba bari inyuma y’iryo fungwa, nkuko uyu munywanyi wa CNL abitumenyesha.

V. Agashavu ni kenshi mu runani Kira Burundi aho rumenyesha ko bariko bararenganywa n’abajejwe intwaro CENI, nayo ikabikorerako mu kubakumira mu matora yimirije. Vyashikirijwe na Aloys Baricako, arongoye urwo runani, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

VI. Abacukura ubutare bw’inzahabu muri komine Butihinda na Muyinga, bakoresheje uburyo bubayabaye, ngo bategerezwa gushorera umwimbu baronse mw’ibanki nkuru y’igihugu, kugirango nayo izikoreko mukurondera amahera mvamakungu. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji Côme Manirakiza, ajejwe amazi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka,  hari mu nama yamuhuje i Butihinda n’abacukura inzahabu, mu mpera y’indwi iheze.

Ibindi bisa n'ibi