Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/03/2023

Publié le 23 mars 2023 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye yishwe arashwe muri karitiye Sanzu ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi. Akaba ari umukenyezi avuka muri zone Rusengo mu ntara ya Ruyigi. Yagandaguwe arashwe n’abantu batarashobora kumenyekana. Mu ntwaro baremeza ayo makuru, bakavuga ko amatohoza yatanguye.
II. Nta tegeko na rimwe ribwiriza umuntu gusaba uruhusha rwo gukora inama. Ivyo bivugwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. N’inyuma y’aho kuri uno wa kane, igipolisi cahagaritse inama ishirahamwe OLUCOME yariko irakora. Ariko rero haciye haseruka intumwa y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yatumye abo bapolisi bareka ibikorwa vy’iryo shirahamwe birabandanya. Gabriel Rufyiri ati umwanya babatesheje vyitiranwa no gusesagura amatungo.
III. Igisata kijejwe demokarasi, n’agateka ka zina muntu mu biro vya leta zunze ubumwe z’amerika carasohoye kuri uyu wa gatatu icegeranyo ku vyerekeye amabi atandukanye yakorewe abarundi mu mwaka wa 2022. Urwandiko rufatiye ku vyagiye   birashikirizwa n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi no kw’isi. Nk’umuhari Iteka wamenyesheje ko abantu barenga 200 bishwe mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro umwaka uheze.
IV. Haribonekeza umugera wo mu bwoko bwa Marburg, utera indwara ya Marburg (Maladie à virus Marburg, mu gifaransa), mu karere ka Kagera mu gihugu ca Tanzaniya gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda n’Uburundi. Abantu batanu bakaba bamaze guhitanwa n’uwo mugera, batatu na bo bariko baravugwa. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ku mugabane wa Afrika, kuva kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante.
V. Umwana w’umuhungu yahora yiga kuri Lycée Christus y’i Kobero mu mwaka w’umunani mu buyobozi bw’inyigisho muri komine Butihinda, yahora agwaye yerekana ibimenyetso vy’indwara y’umugera wa Marburg, yaritavye Imana kuri uyu wa gatatu mu bitaro vy’i Mugano muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru atandukanye abimenyesha. Ikiziga c’uwo mwana kikaba caciye gifubwa ku muhingamo w’ejo nyene n’umugwi w’abahinga bajejwe gufuba abakekwa ko bahitanywe n’indwara y’ikiza, yandukira abantu benshi. Abakozi bo mu kigo c’igihugu INSP bakaba barashitse ku bitaro vy’i Mugano ahari uwo mugwayi, aho basubiye inyuma batwaye ibipimo kugira bamenye iyo ndwara iyari yo. Buramatari w’intara ya Muyinga, J.Claude Barutwanayo, agasaba abarongoye abanda, gufata ingingo zose zibereye kugira abantu binjira mu gihugu bavuye muri Tanzaniya bashirwe aha bonyene, babanze bakurikiranwe n’abaganga, ariko akaba atamenyesheje ikiringo abo bantu bazomara  bashizwe  aha bonyene.
VI. Impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya baraye mu ruhagarara muri iri joro ryakeye. Urwo ruhagarara rwatewe n’igipolisi ca Tanzaniya cagiye gusaka mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, kirondera abadafise vya ngombwa n’abatunze amapikipiki. Gushika mu bucagucagu, abantu batazwi igitigiri barafashwe, gushika ubu ntawuzi iyo bajanywe. Ama pikipiki na yo yafashwe akaba ari mu minwe y’igipolisi ngaho i Nyarugusu.

Ibindi bisa n'ibi