I. Kuri uno wa gatandatu, amabarabara ava muri komine Ntega aja mu gisagara ca Kirundo yari yugawe kubera ikiza ca Covid-19 kihavugwa, yuguruwe mu gihe c’isaha zine. Ariko naho yuguruwe, abanye Ntega basaba abajejwe intwaro kubatezurira ububare n’inzu z’uburiro zugawe zikugururwa kuko bariko bahatakariza vyinshi. Umwe mu baba muri Komine Ntega.
II. Amazi y’inkukura ava ku misozi hamwe n’abayora imisenyi badakurikije amategeko agenga ibidukikije, ni bimwe mu bituma haba isenyagurika ry’amazu ari ku nkengera z’inzuzi. Bishikirizwa na Anicet Nibaruta, umuyobozi mukuru ajejwe gukingira no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe. Ivyo akaba yabishikirije mu rugendo ubwo bushikiranganji bwakoze mu ma komine agize igisagara ca Bujumbura, ahasanzwe habangamiwe gusumba ahandi. Nibaruta agasaba abanyagihugu kwubahiriza amategeko agenga kwubaka ahegereye inzuzi.
III. Ikibazo co gucana cabaye ndanse muri site ya Mulongwe ibamwo impunzi z’abarundi. Izo mpunzi zikavuga ko zironswa ibizuku vy’intica ntikize bingana n’ibiro 75 bakoresha mu mezi atatu. Izo mpunzi z’abarundi zigasaba ko zoronswa ibizuku bikwiye.
IV. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tubabwira ibijanye n’ugushira amashure mu migwi ico bita réseaux scolaires mu gifaransa.