I. Imyidogo ni myinshi mu bahagarikizi b’imigambwe yariko irahiganwa mu matora. Nzigamye Salvator yari arongoye umugwi w’abahagarikizi b’umugambwe Frodebu Nyakuri muri komine Makamba, mu ntara ya Makamba, yemeza ko we n’abandi bahagarikizi basohowe, mu gihe co kwakira amajwi aje ava ahabereye amatora. Imbere y’abamenyeshamakuru, Nzigamye Salvator yararahiye ararengwa ko atoshobora gushira igukumu ku vyegeranyo vyakozwe atariho ari.
II. Abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, bacungereye amatora barara ntibuca, kuko ngo bariko bararonderwa n’urwego rw’iperereza muri iyo ntara. Abo banywanyi basaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa, kuko ata kindi bazira atari ivyiyumviro vyabo vya politike.
III. Abantu indwi bo mu mugambwe CNL, bose bo muri komine Mwumba, bafungiwe mu gasho ka komine kuva ku musi w’amatora. Muri abo, harimwo uwusanzwe arongoye umugambwe ku rwego rwa komine be n’umupfasoni Manirambona Claudette yari ku rutonde rw’abashingamateka b’uwo mugambwe CNL. Ababo basaba ko borekurwa kuko bariko barazira ivyiyumviro vya politike.
IV. Mu gihe hari impande zibiri zompi zemeza ko zatsinze amatora, abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura baratekewe n’ubwoba. Bagatinyako hashobora kwaduka ubwicanyi mu gisagara.
V. Hagati mu gihugu, bamwe mu bahaba barerekana ubwoba bafise mu gihe hakirindiriwe ibiharuro CENI izoshikiriza ku matora. Ibimaze imisi bishikirizwa mu binyamakuru ku bijanye n’ivyavuye muri ayo matora yo ku wa gatatu uheze, bituma bagira ubwoba ko hashobora kuvyuka ubundi bwicanyi nk’uko babibwiye Radio Inzamba.
VI. Innocent Muryango, yahoze akorera iradiyo Bonesha, yarabuzwe irengero kuva kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura mu bamwegereye, avuga ko bamuheruka igihe c’isaha umunani z’umutaga. Ayo makuru akavuga ko yoba yatwawe n’umupolisi Désiré Uwamahoro asanzwe yagirizwa amabi menshi akorerwa mu gihugu. Gushika ubu, umuryango wiwe ukaba ufise amakenga kuri uwo muntu wabo n’ubu atawuzi iyo ari. Mu muryango wiwe, bakavuga ko bagiye kurondera mu gasho ka BSR, basanzeyo karangamuntu yiwe gusa. Bagasaba igipolisi kubafasha kumenya uwabo iyo yoba ari.
VII. N’agahengwe ku banyeshure b’impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi y’i Mulongwe, muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo bahejeje amashure yisumbuye canke baciriye hagati inyigisho za kaminuza. Ishirahamwe HCR vuba ngo rigiye kubaronsa uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza biciye mu mugambi bise DAFI. Ariko uwo wese azokwemererwa ngo azoba atarenza imyaka 28 y’amavuka. Izo mpunzi z’abanyeshure b’abarundi ariko zisaba ishirahamwe HCR ko ryobaronsa amashure, ku buryo abavyifuza bose bashobora kuronka uburenganzira bwo kuyiga.
VIII. Mu kigabane Kw’isoko c’uno musi, dushimikira kw’iburabuzwa ry’indorerezi z’imigambwe, mu matora yo ku munsi wa gatatu.