I. Imyaka umunani irarumanye kuri iri genekerezo rya 23 Rusama umwaka 2023, Zed Feruzi yararongoye umugambwe UPD Zigamibanga agandaguwe n’inzego zirongoye umutekano. Zed Feruzi akaba yagandaguriwe hafi y’urugo rwiwe muri komine Ngagara, mu gihe bukeye bwaho yari yaraye avuye muri zone Musaga aho yashikirije abari aho ko batokwemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, cari giciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ni Arusha. Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga asaba ubutegetsi gushira ahabona abagandaguye Zed Feruzi kugira ukuri kumenyekane, abakoze icaha bahanwe hisunzwe amategeko.
II. Ukwigenza nabi kwa bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL gutuma ubutegetsi bwivanga mu vyo gutunganya uwo mugambwe. Agathon Rwasa arongoye CNL yabineguye ku muhingamo w’uno wa kabiri mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru. Ati ikimenyamenya, n’ingingo ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu iheruka gufata y’ugufuta ivyavuye mu manama abiri rukokoma y’uwo mugambwe, kandi ayo manama yabaye ari uko ubwo bushiiranganji nyene butanze uruhusha. Iyo ngingo ikaba yasohotse inyuma y’aho abanywanyi bamwe bamwe basohoreye inyandiko Rwasa avuga ko atazi abo zari zigenewe.
III. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu wategerezwa kwitaho dossier ya Floriane Irangabiye, kugira ntasubire gukubagurwa n’abarongoye ibohero. Ako n’akamo gaterwa na Eulalie Nibizi, yahoze ari muri syndicat mu Burundi. Akaba ateye ako kamo inyuma yaho kundwi iheze kuwa 16 Rusama, Floriane Irangabiye aterewe ubwoba n’uwurongoye ibohero rya Muyinga amusanze aho aba muri iryo bohero. Eulalie Nibizi agasaba ko ubutungane bwokora akazi kabwo kugira arekurwe, kuko ata makosa yakoze uretse akazi kiwe ko guharanira agateka ka muntu.
IV. Arasaba kandi ko umunywanyi wa syndicat SYGEPBU Emilienne Sibomana arekurwa kuko azira kuba yatabarije abana bajanwa mu busambanyi kw’ishure Christ-Roi y’i Gitega, bikozwe n’umuyobozi w’iryo shure nyene. Kubwa Eulalie Nibizi, umushikiranganji w’indero yategerezwa kwerekana uruhara rwiwe kugira uyo murezi arekurwe.
V. Uburongozi bw’imfatakibanza bw’ibitaro Kira buradomwako urutoke mu guhengamira ku ruhande rumwe rw’abari mu matati, ku bijanye n’urubanza rw’ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akurikiranira hafi iyo dossier, avuga ko mu gihe urubanza rukiri mu butungane, ubuyobozi mfatakibanza bw’ibitaro Kira n’abanyamitahe bato bato bari bakwiye kureka kwitwara nk’ababuranira leta muri urwo rubanza, bakarindira uruzocika.
VI. Hari abagabo batatu bapfungiwe mu gasho ka komisariya mu Kayanza, kuva ku musi wa kane w’indwi iheze. Hakaba hari inyuma y’isakwa ryari ryabaye uyo musi mu mazu yakira ingenzi, hagafatwa abantu barenga 20. Muri abo harimwo abigeme b’abanyeshure 6, muri bo harimwo abafise imyaka iri munsi ya cumi n’umunani. Uwo musi abagabo n’abagore bubatse bafashwe bariko bakora ubushurashuzi, baciwe umwe umwe ihadabu ry’amafranga 200.000 y’amarundi, inkumi n’imisore na bo bacibwa amafranga 100.000. Ni mu gihe inzu yose yafatiwemwo abariko bakora ubushurashuzi yarihishwa ihadabu ry’amafranga 500.000. Abajejwe indero mu ntara ya Kayanza bagashima igikorwa cakozwe n’igipolisi, bagasaba ubutungane guhana vy’akarorero abantu bashurashuza ibibondo bitaramenya gutandukanya icatsi n’ururo.
VII. Umwaka n’igice urarangiye abakozi bakora mu gisata cunguruza abantu n’ibintu mw’ishirahamwe MUSUMBA STEEL bataronswa uburenganzira bwo kuvugwa. Abo bakozi bavuga ko hambavu yo kutavugwa basabwa gusinyura amasezerano y’akazi ata yandi babahaye. Basaba ababarongoye gukurikiza amasezerano y’akazi bakavuzwa, no kuronswa amasezerano mashasha bakayasinya bayabonye.
VIII. Ubwicanyi bwimonogoje mu ntara ya Bururi kino gihe buva aha nini kukudakorana neza hagati y’abajejwe intwaro, ubutungane, abajejwe umutekano n’abanyagihugu. Vyashikirijwe kuri uyu wa mbere na Martin Niteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, n’umutekano, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Umunyagihugu wo mu ntara ya Bururi ngo ategerezwa kubaho mu mahoro nk’abandi bo muzindi ntara.