Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/06/2020

Publié le 23 juin 2020 par Rédaction

I. Inama nshingamateka kuri uno wa kabiri, yemeje Alain Guillaume Bunyoni nk’uwugiye kuba umushikiranganji wa mbere, hamwe na Prosper Bazombanza nk’icegera c’umukuru w’igihugu. Umuntu yokwibaza abo bantu babiri abari bo.

II. Mu kwemeza Alain Guillaume Bunyoni mu mabanga y’umushikiranaganji wa mbere, ngo vyerekana ko Uburundi bwinjiye mu ntwaro ya gisirikare. Bivugwa na Jérémie Minani avugira CFOR-Arusha, aho amenyesha ko ahubwo iyo reta ya Bunyoni ishobora no gukora amabi atari bwaboneke mu gihugu.

III. Karori Nditije arongoye UPRONA itemewe n’ubutegetsi bw’Uburundi  nawe nyene abona ko ari intwaro za gisirikare z’abantu bava mu bwoko bumwe, bazoba batwara igihugu, kuko icegera c’umukuru w’igihugu ata jambo azobaronkana.

IV. Akamo katewe impunzi ngo zihunguke n’intwaro nshasha ya Evariste Ndayishimiye ngo ntigakwiye. Hakwiye kuba nyabuna ibikorwa mu gihugu bivuga, kandi biremesha imitima y’abacitse ivutu. Ivyo navyo n’ifatwa ry’abagirizwa ubwicanyi butandukanye, hamwe no kwaka ibirwanisho imbonerakure. Bimenyeshwa n’umupfasoni Marguerite Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom, aho avuga kandi ko n’ijambo ryashikirijwe na Evariste Ndayishimiye ritaremesha imitima y’impunzi.

V. Mu gihugu c’Uburundi, ubukene bwimonogoje, n’ubusumbane bwenyuje mu vy’ubutunzi hagati y’abanyagihugu bigeze ku rwego ruteye agahinda. Ibi n’ibishikirizwa n’ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu cegeranyo ryasohoye kuri uyu wa kabiri, kuvyerekeye ubunyonyezi bw’amatungo ya leta bwagiye bukorwa mu mwaka uheze wa 2019. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME arasigura ibisata bibangamiwe mu butunzi.

VI. Imigambwe yitoje mu kibanza c’abajenama b’imitumba hamwe n’abakenguzamateka, irasabwa kurungika intonde z’abazohagarikira amatora yo kuwa 20 Mukakaro. Mu kiganiro, uwurongoye umugwi CENI utegura amatora Pierre Claver Kazihise yibukije ko ari abajenama b’ama komine bonyene bazotora abakenguzamateka, kandi ko ikiringo co kwiyamamaza kizomenyekana mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, rizosohoka mu misi mike iri mbere.

Ibindi bisa n'ibi