Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/06/2021

Publié le 23 juin 2021 par Rédaction
I. Abanyagihugu baba mw’ikambi y’abateshejwe izabo muri site ya Gasenyi, muri zone na komine Rango mu ntara ya Kayanza bavuga ko bariko baraturatuzwa n’abajejwe intwaro, babategeka kuba bavuye muri iyo site bitarenze ku musi w’Imana uza. Abo bategetsi bakaba babikora kuko biriko birasabwa na paruwasi ya Gasenyi, nkuko abo banyagihugu babivuga. Bagasaba Dioseze ya Ngozi kubavugira kuko inyuma y’ivyo vyose hari icegera c’uwurongoye paruwasi ya Rango Patiri Manassé ashaka ko izo mpunzi zihunguka ku nguvu.
II. Kubwa Tatien Sibomana, ngo birateye isoni kubona izo mpunzi ziriko ziraturatuzwa, ivyo ngo vyerekana ko ubutegetsi butariko burubahiriza agateka ka zina muntu. Tatien Sibomana agasaba ko hoba ubwumvikane hagati ya leta n’uwurongoye iyo paruwasi kugira ngo hatorwe umuti w’izo mpunzi zitarinze kwirukanwa.
III. Ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya isinzikazwa rya kiremwa muntu riranezerezwa n’ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa kuri dosiye ya Germain Rukuki. Iyo nayo yaragabanije umunyororo w’imyaka 32 yari yaciriwe, imucira gufungwa umwaka umwe n’ihadabu y’amafranga ibihumbi 50 y’amarundi. Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatatu, ACAT Burundi isaba ko iyo ngingo yoca ishirwa mu ngiro, akarekurwa bidatevye.
IV. Agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa mu Burundi, bigakorwa aha nini na bamwe mu bari mu nzego z’umutekano cane cane abo mu rwego rw’igipolisi, bafadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure hamwe n’abakozi bo mw’iperereza. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe Initiative des Droits Humains riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB, inyuma y’umwaka umwe Président Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Ku bw’umushakashatsi muri iryo shirahamwe Carina Tertsakian, ngo n’igisata c’ubutungane naco nyene kirabangamiwe bimwe biboneka.
V. Hari imyidogo y’abanyagihugu mu ntara ya Mwaro imaze imisi yibonekeza, biturutse ku mahadabu acibwa abacuruza inzoga kuko vyibonekeza ko harimwo ka mwana wa mama. Amakuru ava muri iyo ntara akaba avuga ko amande acibwa abatari mu mugambwe uri ku butegetsi, bagirizwa kuzinyegeza kugira zizocuruzwe zaduze igiciro. Abanyagihugu bakaba basaba ko amategeko yokora kuri bose hatarabwe imigambwe barimwo.
VI. Ishirahamwe ryunguruza abantu n’ibintu, TRAMWEX, muri komine n’intara ya Gitega, ririyamiriza ingingo yo kubimura mu kibanza bahora bakoreramwo mur’iyo komine. Iryo shirahamwe ryunguruza abantu n’ibintu rigasaba kuronswa ikindi kibanza c’ubuntu, kuko ico bagira babimuremwo bakiguriye komine kandi bafise ivyemeza. Ariko abajejwe intwaro muri komine Gitega bobo bavuga k’ubuguzi bw’ico kibanza burimwo igipfungu, kandi kiri mw’ibarabara.
VII. Umugambi Agateka Kacu Fund watangujwe kuwa 21 uku kwezi n’impunzi z’abarundi hamwe n’abandi bavyipfuza kugira bafashe impunzi ziri mw’ikambi ya Mahama zitakironswa ivyo zifungura, uriko uratera imbere. Ivyo bivugwa n’uwurongoye uyo mugambi Emmanuel Nkengurutse. Akabivuga afatiye ku kuntu igitigiri c’impunzi ziri mw’ikambi ya Mahama mu basaba akazi kugira baronke amahera yo kugaburira imiryango yabo kiguma ciyongera kumusi ku musi. Emmanuel Nkengurutse ahamagarira ariko impunzi zose n’abandi batari impunzi gushigikira uyo mugambi, mu guterera uburyo kugira ntihagire impunzi yicwa n’inzara. Twibutse ko uwo mugambi uherutse kuja mu ngiro kuva kuri uno wa mbere, impunzi zigera ku 250 z’abarundi akaba ari zo zimaze kuronswa akazi ko kurima, zigahembwa amafaranga 1200 y’amanyarwanda ku musi ku musi.
VIII. Inkino zo mu migwi mu nkino za buraya z’umupira w’amaguru kuri uno w’Imana zirasozerwa. Hategekanijwe inkino 4, urukomeye rukaza guhuza Ubufaransa na Portugal. Portugal iramutse itsinzwe, ica isezera amahiganwa.

Ibindi bisa n'ibi