Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/06/2022

Publié le 23 juin 2022 par Rédaction
I. Integuro y’itegeko rishasha rigenga abakozi ba leta mu bijanye n’imishahara riheruka kwemezwa n’inama nshikiranganji, gishasha rizanye ni ikurwaho ry’uturusho twose tuhari ubu. Umushahara uzoshingwa hafatiwe ku co umukozi ajejwe n’utwigoro ako kazi gasaba. Ni mu gihe kuri uyu wa 23 Ruheshi, amakungu ahimbaza umusi wahariwe abakozi ba leta n’akazi. Iyi nteguro nshasha iratunganya itangwa ry’amanota hakazorabwa ahanini umwimbu umukozi yashitseko.
II. Guhindura amategeko agenga abakozi ba leta ni vyiza, mu gihe bifise intumbero yo kugwiza umwimbu n’ugukuraho akarenganyo. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze arongoye sendika y’abigisha STEB. Agasaba leta gutanga inyigisho ku bakozi kugira bashire imbere kugwiza umwimbu mu vyo bakora.
III. Eulalie Nibizi arongera akamenyesha ko gukuraho uturusho ku mishahara ari vyiza, iyo bibaye mu mwumvikano.
IV. Integuro y’itegeko rigenga amafranga leta izokoresha mu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023, ntiyerekana neza ko ije gushira mu ngiro imigambi ya leta yo guteza imbere igihugu, naho hari amafranga yiyongereye ku yo leta yakoresheje mu mwaka uheze. Ivyo biri mu mwihwezo wa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, asigura ko ikibazo kikiriho ari ico gutomora neza, ico leta izokwisunga mu gutoza no gukoresha ayo mafranga yaraye yemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi.
V. Umuyobozi w’ishure rya Nyaruganda riri muri zone Muhwazi ya komine Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi, yagirizwa gutoza ku nguvu intererano ku bigisha, yo kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine. Abatayatanze bagaturubikwa na cane cane ababa ari abanywanyi b’iyindi migambwe. Uwo muyobozi akaba kandi arangwa no kutihanganira ababa batari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Ibindi bisa n'ibi