I. Inyishu ku kibazo c’ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence isa n’iyananiranye mu gisagara ca Bujumbura. Imirongo miremire y’imodoka zirindiriye ico gitoro niyo yibonekeza imbere y’ama stations amwe amwe. Abanyonga imiduga na cane cane abunguruza abantu, baranegura iryo kena ry’igitoro riguma ryisubiriza, bagasaba ko ico kibazo coronka inyishu irama.
II. Ishirahamwe PARCEM riratera akamo leta ngo ihindure umukenyuro, mu kurondera inyishu ku kibazo c’igitoro kiriko gisubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu n’ubuzima bw’abanyagihugu. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, asaba leta gutunganya gushasha ibijanye n’ingene igitoro kigurwa kigashikanwa mu gihugu kandi bigakorwa mu muco, hamwe no kuvavanura n’itangwa ry’amasoko usanga ryiharijwe n’umuntu canke ishirahamwe rimwe.
III. Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze ku rugero rudasanzwe mu ntara ya Kayanza, kuva aho hafatiwe ingingo yo kubuza gushora canke kugura ibifungurwa, mu ntara no mu ma komine. Mu vyaduze gusumba ibindi, harimwo umuceri n’ibiharage. Abadandaza bavuga ko vyaduze kubera batakironka aho babirangurira, ibibonetse na vyo bakabironka ku giciro kinini.
IV. Iyo ngingo yo kubuza gushora canke kugura ivyimbuwe mu ma komine canke mu ntara isubiza igihugu inyuma mw’iterambere. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta. Abishikirije inyuma y’aho hamaze imisi hibonekeza ibura ry’ibifungurwa mu masoko atandukanye mu gihugu biturutse kuri iyo ngingo. Ku bwiwe, intara zimbuka gusumba izindi ku birimwa runaka, zamye zisahiriza izindi ku neza y’abanyagihugu bo mu ntara zose.
V. Frederiko Bamvuginyumvira avuga kandi ko iyo abanyagihugu badashoye ivyo bimbuye badaheza ngo bikenure mu bindi vya nkenerwa.
VI. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bafise amakonti mu mabanki canke mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Imvo akaba ari uko iyo bagiye kurondera amafranga bababwira ko banki nkuru y’igihugu itarayarungika kandi ko atawe barenza ibihumbi ijana. Abakora urudandazwa canke iyindi mirimo bavuga ko bariko barahahombera.
VII. Ibiriko birakorwa n’inama nkuru y’abacamanza mu gusambisha abacamanza bo mu ntara zitandukanye ku manza baciye, ngo ni ingendo yo kubatera ubwoba bifise intumbero yo kubamenesha ibanga binyuranye n’amategeko abagenga. Bisigurwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana, yahoze arongoye syndicat y’abacamanza mu Burundi SYMABU. Akaba abisiguye inyuma yaho hari abacamanza bashikirije imyidogo yabo banegura ivyo bikorwa vy’inama nkuru y’igihugu ijejwe ubucamanza, bavuga ko iteye kubiri n’amategeko.
VIII. Ikigo kijejwe gucungera ubuziranenge mu Burundi BBN cateye iyindi ntambwe, mu guhasha abakibandanya gutekerera abaguzi mu bikoresho vyagenewe gukoreshwa rimwe ritarenga. Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru wa BBN, amenyesha ko abo bantu bagiye kuza baracibwa ihadabu. Mw’ishirahamwe RCP, réseau des citoyens probes mu gifaransa, ngo iyo ngingo yafashwe ni nziza, ariko ko ibuze izindi ngingo mperekeza kugira ije mu ngiro, mu kurondera ibindi bikoresho vyo gutekerera abaguzi bisubirira ivyakuwe kw’isoko.