Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/08/2021

Publié le 23 août 2021 par Rédaction
I. Uwahoze mu gisirikare ca kera yahagaritswe n’igipolisi mu gatondo kuri uyu wa mbere. Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba Mbizi wa komine Kibago, mu ntara ya Makamba. Icatumye ahagarikwa kikaba kitaramenyekana. Mu muryango wiwe amakenga akaba ari menshi.
II. Umugabo umwe wo ku mutumba Gatwe, komine n’intara ya Rumonge ari mu minwe y’inyamiramabi kuva ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana. Yagirizwa kuba yafatanywe abana bakiri bato bajanywe mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko amakuru ava aho kuri uwo mutumba abivuga. Abavyeyi b’abo bana bakaba bavuga ko ari bo babarungitse kubera ubukene buri mu miryango yabo.
III. Abantu 38 bagirizwa kunywa no kudandaza ibiyayuramutwe nibo bafashwe; amasasu arenga igihumbi n’inkoho imwe hamwe n’ibiro 205 vy’urumogi birafatwa n’igipolisi mu ntumbero yo kurwanya ivyaha ndengambibe mu bihugu vyo mu karere ka Afrika yo hagati n’iy’ubuseruko.  Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umugenduzi w’igipolisi Melchiade Ruceke mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere mu gikorwa kigira indwi citiriwe Opération Usalama.
IV. Umugabo yari azwi kw’izina rya Elias Nsabimana wo ku mutumba Dusāsa muri zone Rugazi ya komine Kabarore mu ntara ya Kayanza, yarishwe ku mutaga wo kuri uyu w’Imana nk’igihe c’isaha zitandatu, akaba yasogōswe inkota n’umuhungwabo yitwa Etienne Mudahemuka. Inkuru ziva aho muri komine ya Kabarore zikamenyesha ko Mudahemuka Étienne yagandaguye sewabo amwikeka ko ari we yaróze se wiwe yari ahejeje kwitaba Imana, inyuma yo kumara imisi itari mike akitswe n’amagara. Nyene kwagirizwa ico caha akaba yaciye afatwa, ubu akaba ariko akorerwa dossier kugira ashengezwe imbere y’ubutungane. Musitanteri wa komine ya Kabarore Berchmans Nsaguye, agasaba abo arongoye kuvavanura n’ingendo yo kwemera ibintazi, kwagirizanya uburozi n’ukwihanira. Agahamagarira nyabuna abafise ivyo bapfa kwitura ababijejwe kugira babatunganirize.
V. Abategetsi bategerezwa kwemanga ko icaha co kunyuruza abantu bakaburwa irengero gihari mu Burundi, amakungu nayo akamenya ko ico caha c’agahomerabunwa kibandanya mu gihugu. Ayo majambo niyo Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE akoresha  mu gutanguza indwi yahariwe isekeza Ndondeza. Ivyo bikozwe mu gihe hasigaye indwi imwe kugira habe umusi wahariwe kwibuka kw’isi abantu banyurujwe bakaburwa irengero.
VI. Abategetsi b’Uburundi basabwa kubandanya umubano mwiza hagati y’ibihugu bibanyi mu ntumbero yo kugwanya ubugizi bwa nabi bw’iterabwoba. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa mbere n’Inama nkuru y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko, ivyaha bituruka ku ntambara n’ugusinzikaza agateka ka zina muntu. Ivyo bakaba babivuze mu gihe kw’igenekerezo rya 21 myandangaro uko umwaka utashe, amakungu ahimbaza umusi wahariwe kwibuka abantu bahuye n’ivyago bituruka kw’iterabwoba. Jean de Dieu Mutabazi arongoye iyo nama ONPGH asaba abarundi kubandanya biyamiriza ububisha bwose buturuka ku macakubiri.
VII. Amakenga ni menshi mu banyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge. Bavuga ko hari umugwi w’abantu baciye mu mihana bagenda baratoza amafaranga, haraheze indwi hafi zitatu. Babwirwa ko ari ishirahamwe rigomba kuzokura imyanda yo mu ngo. Bavuga ko ijisho ryabaye iryo. Bagasaba abajejwe intwaro kubabariza aho bigeze, kuko abo bantu baza gutoza ayo mafaranga bazwi n’abarongoye komine Rumonge.
VIII. Impunzi z’abarundi zigendana indwara zidakira ziri I Mulongwe muri Republika  iharanira intwaro rusangi  ya Congo ziridoga ko zitaronswa ubuvuzi nk’uko vyabwirizwa. Bidogera abajejwe impunzi muri HCR be n’Urwego rwa leta ya Congo ko ico kibazo kizwi haraciye imyaka ine, ariko nticigeze gitora inyishu.
IX. Ibitsindo 10 ni vyo vyinjiye ku ndwi igira iya gatatu mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi mu nkino indwi. Muri basketball naho mu nkino zo gusozera ihiganwa, vyarabonetse ko abakinyi bashasha bazanye ubuhinga budasanzwe mw’ihiganwa ry’I Bujumbura, umunezero ukaba wari wose mu bakunzi b’urwo rukino.

Ibindi bisa n'ibi