I. Uburundi buracakeneye urwego rwa ONU rufasha mu kwerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Ico ni co cifuzo c’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu kw’isi, yashikirije mu nama igira iya 45 y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, igihe umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi washikiriza icegeranyo ca nyuma cawo. Nayo ku bijanye n’ibihugu bishigikira leta y’Uburundi mu kwanka ko uyo mugwi ubandanya, abagize umugwi w’amatohoza bavuga ko hinyegeje inyuma, imvo za politike hatisunzwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.
II. Ikiziga c’umugabo azwi kw’izina rya MURYANGURARYANA Grégoire w’imyaka 65 catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu imbere y’irembo rya Nyakwigendera mu gacimbiri Kirehe, ku mutumba Nyabucugu, muri Komine Buhinyuza , intara ya Muyinga. Nkuko amakuru ava aho kuri uwo mutumba abimenyesha, ico kiziga ngo cabonywe ubwa mbere n’umuntu yarengana. Uwo yaraye yitavye Imana ngo akaba ataragicana uwaka n’umukenyezi wiwe, ngo kuko bari basigaye barara ku biri mu nzu y’umuryango. Bamwe mu bababanyi b’uwo muryango bavuganye na radio Inzamba bakavuga ko uwo mutama yoba yazize amatati yarangwa muri urwo rugo. Uwo mugabo ngo akaba yari yagorobeje mu bunywero kuri uyu wa kabiri, ariko arataha yicigwa hafi y’irembo ryiwe. Igipolisi kikaba caciye gihagarika abantu 4 harimwo umukenyezi wiwe n’abana 3 ku mvo z’amatohoza.
III. Abantu batandatu barimwo umwe yahoze mu gisirikare, barafashwe ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, ku mutumba Zingi-Nyaruyaga, wa zone Ruteme muri komine Bugarama, y’intara ya Rumonge. Bagirizwa gukorana n’imigwi y’abitwaje ibirwanisho. Abanyagihugu b’aho mu Ruteme bavuga ko ataco bariko barazira atari umukeko. Bafise amakenga ku mutekano w’abafashwe kuko batigeze bamenyeshwa iyo bajanywe gupfungirwa.
IV. Umugwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi wari ukwiye kwegera impande zose z’abanyagihugu, kugira umenye ukuri ku bwicanyi bwahitanye abarundi mu mwaka wa 1972, mu ntara zo mu bumanuko bw’igihugu. Ako kamo kakaba gatewe n’umwe mu babuze mur’ubwo bwicanyi. Akaba abisavye inyuma yaho umugwi CVR umenyeshereje kugiye kwegera bamwe mu bategetsi b’ico gihe bakiriho, kugira batange ukuri kwabo ku vyabaye.
V. Agathon Rwasa aridogera uguhamwa kugirirwa abanywanyi b’umugambwe arongoye CNL. Aho ni mu gihe abatari bake bafatwa bagafungwa bagirizwa kwifatanya n’abagwanyi ba RED TABARA, canke gukora amanama atemewe n’amategeko. Kubwa Agathon Rwasa, umuhari RED TABARA n’umugambwe CNL ntaho bisa bisana, ngo ari na co gituma abanywanyi biwe batozira uwo muhari. Akavuga ko mu Burundi amategeko yirirwa arahonyangwa, kubw’inyungu z’umugambwe CNDD-FDD.
VI. Imyidogo ni myinshi ku bakora akazi ko kwunguruza abantu ku mapikipiki mu ntara ya Muyinga, aho bagiriza uwurongoye ishirahamwe ryabo AMOTABU azwi kw’izina rya Juma, ko abatwaza umukazo akanabasaba amahera adasiguritse, nkuko bamwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki bavyiganiye radio Inzamba. Abo bita aba motards bakavuga ko batumva igituma basabwa amafaranga 500 ku musi hamwe n’ayandi angana 2000 buri kwezi, ayo yose bakavuga ko batazi ico akora. Ikindi kibabaza abo bunguruza abantu n’amapikipiki, ni ayandi mafaranga angana n’ibihumbi 250, asabwa umuntu mushasha agomba gutangura uwo mwuga, amafaranga Juma asanzwe arongoye ishirahamwe AMOTABU Muyinga avuga ko aray’urwinjizo. Abahurikiye muri Amotabu Muyinga bagasaba abarongoye intwaro kubafasha kugwanya ubusuma bagirigwa n’uwo arongoye ishirahamwe ryabo, bakavuga ko umwumvikano muke uri hagati yiwe n’abo arongoye uva kuko batamutoye ahubwo bamwemejwe kugitsure c’abajejwe intwaro baherutse gusubiza amabanga. Twarondeye uwo arongoye Amotabu i Muyinga, turamukena.
VII. Ishirahamwe CBDH-VICAR riharanira agateka k’impunzi ziba mu ma kambi y’aka karere, riratera ivyatsi inyuruzwa ry’impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzania. N’inyuma yaho havugiwe imiryango cumi n’umwe yanyurujwe mw’ikambi ya Nyarugusu, gushika ubu atawuramenya irengero ry’abo bantu. Iryo shirahamwe rigasaba amakungu guhagurukira igihugu ca Tanzania kuko kirenga amategeko agenga impunzi, nayo igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kikamenya ko kijejwe gukingira impunzi. Léopld Sharangabo n’icegera c’uwurongoye CBDH VICAR.