Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/09/2022

Publié le 23 septembre 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi arasaba ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifasha mu kurwanya imigwi y’iterabwoba iriko irarwirirana mu karere. Yabisavye mu nama y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yatanguye mu ntango z’ino ndwi i New York. Akaba kandi yaramenyesheje ko arajwe ishinga n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano ya Nairobi yo kugarukana umutekano mu karere k’ubuseruko bwa Congo iharanira demokarasi.
II. Inama y’agateka ka zina muntu ya ONU isabwa kugumiza ijisho ku bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Ni akamo gaterwa n’intumwa idasanzwe ya ONU ikurikirana ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi mu nama igira 51 iriko ibera i Genève. Kubwa Fortuné Gaétan Zongo, ntakirahinduka kigaragara mu bijanye n’iyubahirizwa rya kiremwa muntu, naho hariho ivyo leta imaze gukora.  Muri ico cegeranyo ciwe, Gaétan Zongo aranegura amajambo abiba urwanko ashikirizwa n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.
III. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique ari i Genève, arashima ibiri mu cegeranyo c’intumwa idasanzwe ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, abona ko mu gihe amabi akibandanya mu gihugu, vyari bikwiye gutuma iyo ntumwa yongerwa ikindi kiringo. Agahamagarira na leta y’Uburundi gukorana n’iyo ntumwa. Mwomenya ko amatora yo kwemeza canke guhakana iyongerwa ry’ikiringo c’iyo ntumwa idasanzwe, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 07 Gitugutu umwaka wa 2022, umunsi hazosozerwa iyo nama igira 51 ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu.
IV. Amahegitari 25 y’imirima yo ku misozi itandukanye yo mu ma komine ya Matongo na Butaganzwa mu ntara ya Kayanza, ni yo yaraye yononekaye kuri uwu wa kane biturutse ku mvura y’igihuhusi yaguye muri utwo turere. Abahuye n’ivyo vyago bakaba bafise ubwoba bw’uko mu misi iri imbere bashobora kwugarizwa n’inzara. Bagasaba abagiraneza kubaronsa imbuto, kugira basubire guteragira na rirya hatari bwarengerane.
V. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bafise amatongo yacishijwemwo intsinga z’umuyagankuba uva ku rugomero rwa Ruzibazi. Abo banyagihugu baba mu ma komine ya Muhuta na Kabezi mu ntara ya Bujumbura hamwe na komine Bugarama mu ntara ya Rumonge, bavuga ko bahawe agashumbusho kadakwiye, kandi ko ishirahamwe ry’abashinwa ryubaka urwo rugomero ryihaye imetero zirenga ku zo ryashumbushije.
VI. Imyidogo ni yose mu banyeshure bo muri kaminuza yo mu ntara ya Kirundo yitiriwe ibiyaga vyo muri iyo ntara. Abo banyeshure bidogera umuyobozi ajejwe ubutunzi ko ariko abaka amafranga ibihumbi 50 yiyongera kuyazwi n’amategeko, kugira bakore stage yo gusozera amashure. Basaba ubushikiranganji bw’indero gukurikirana ico kibazo cabo.
VII. Amasoko y’ibitungwa mu ntara yarasubiye kugururwa guhera kuri uyu wa kane mu gihugu cose. Ariko ibitungwa kirazira ko bijabukanwa intara bija mu yindi. Vyashikirijwe n’umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya indwara y’inyonko yo mu kiyaya ca lift. Muganga Sanctus Niragira, icegera c’uwurongoye uwo mugwi, amenyesha ko hagiye kubandanya isekeza ryo gukingira ibitungwa mu ntara zicigaragazamwo iyo ndwara. Mwomenya ko ku nka 1051 zafashwe n’iyo ndwara y’inyonko yo mu kiyaya ca lift, izigera ku 472 zapfuye. Nayo ku mpene n’intama 669 zanduye iyo ndwara, 269 zarapfuye nk’ukwo vyamenyeshejwe n’uyo mugwi.

Ibindi bisa n'ibi