Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/09/2023

Publié le 23 septembre 2023 par Rédaction

 

  1. Ndabaramukije nongera kubaha ikaze muri ano makuru duhera k’umuktekano muke, abana atatu bakomeretse kuri uwu wa gatandatu biturutse kuri grenade yaturitse mu gihe bariko barayikinisha. Hari imbere y’umutaga ku musozi  wa Mubuga uri muri komine n’intara ya Ngozi. Inkuru ziva aho habereye iryo sanganya , zimenyesha ko umwana yinjiye mu cumba c’abavyeyi akurayo grenade aca aja kuyikinisha n’abandi bana. Bivugwa ko abavyeyi bobo bari bagiye mu bikorwa. Mu nyuma  ngo ni ho yaturika baca barakomereka , umwe mbere ngo akaba yababaye cane. Ayo makuru abandanya amenyesha ko abo bana muri kino gihe bariko baravurirwa ku bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Ngozi . Nyenurugo asanzwe ari umwigisha,  ngo yahavuye ahagarikwa n’igipolisi kugira akorweko amatohoza. Mu gipolisi I Ngozi bagasaba abanyagihugu kudatunga ibirwanisho bicira umuriro  batabifitiye uburenganzira.
  2. Umugambi wo  kunywanisha abarundi ngo ugeze ku ntambwe ishimshije inyuma y’imyaka itari mike igihugu kiri muntambara mu Burundi. Ivyo nivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye i New york muri leta z’unzubumwe za Amerika munama y’abakuru b’ibihugu igira iya 78 y’ishiramwe mpuzamakungu ONU. Umukuru w’igihugu agasigura ko abarundi murikino gihe bari mubikogwa vy’iterambere.
  3. M’urunani CFOR Arusha ruhurikiyemwo imigambwe iharanira amasezerano y’amahoro y’ i Arusha bavuga ko umugambi wo kunywanisha abarundi uri kure nk’ukwezi ku ntwaro ya CNDD FDD. Ferederico Bamvunginyumvira arongoye ugwo runani asigurako  iyo mvugo ya Evaritse Ndayishimiye idatangaje kuko yama ariko agerageza kwitera amashugwe. Kubwa Bamvunginyumvira umugambi wo kurondera  ukuri no kunywanisha abarundi ntaco urashikako kuko n’umugwi CVR washinzwe ico gikogwa wafashe iyindi ntumbero yo kubiba urwanko rushingiye kuvyamoko .
  4. Tubandanije nano makuru twabateguriye , imyidogo ni yose mu barimyi b’umuceri bakorera mu mwaba wahitwa Mukazye muri komine ya Giharo iri mu ntara ya Rutana . Bavugako kuva mu kwezi kw’indwi kw’uwu mwaka ata mazi bafise yo kuvomera imirima yabo , bakagiriza umukuru w’ishirahamwe ryabo ko abifisemwo uruhara mu gufata nabi mu kunyuruza amamashini iyo kuvomera uwo muceri .
  5.  « Kw’īsôko » . Uno  munsi tukaba tugaruka ku my’idogo ya Reta y’uburundi , ivugako ko abasanzwe bafasha Uburundi bahitamwo gucisha imfashanyo yabo kumashirahamwe akorana n’abanyagihugu, ha kuyicisha muri Reta.
  6. Amakuru yanditswe n’ibinyamakuru .

 

 

Ibindi bisa n'ibi