Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/10/2020

Publié le 23 octobre 2020 par Rédaction

I. Barasaba umushikirangaji w’ikigega ca leta gusubira ku ngingo bwafashe, yo gukuraho amafaranga y’abageze mu zabukuru bakorera muri kaminuza y’Uburundi. Abo n’abakozi, n’abajejwe sendika muri kaminuza. Ibi bikaba biri mw’iitangazo bashize ahabona kuri uyu wa kabiri.

II. Hamaze imisi hibonekeza ubukene bw’ibifungurwa mu mabohero atandukanye ari mu Burundi. Abanyororo batera akamo leta, bavugako bashobora kwicwa na kigoyi.

III. Umushingantahe Zénon Nicayenzi ariyamiriza ipfungwa ry’umushingamateka Fabien Banciryanino ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Iyo nararibonye ikavuga ko amategeko yahonyanzwe ata n’aho vyakabaye, aho umushingamateka apfungwa azira ivyo yashikirije. Zénon Nicayenzi  agasaba nyabuna ko yorekurwa mu maguru masha.

IV. Fabien Banciryanino amaze imisi 16 mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Yamaze iminsi itandatu apfungiwe mw’ibohero ry’inyamiramabi BSR, imbere yo gutwarwa mu Mpimba.

V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatanu umwaka urenzeko umusi umwe bafunzwe.  Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza.

VI. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.

VII. Imyaka 3 irarumanye uyu musi indongozi 4 z’umuhari FPB ugwanya leta y’i Bujumbura zinyurujwe i Ngara, mu gihugu ca Tanzaniya. Gushika ubu, ntawuramenya irengero ry’abo bantu. Mw’isekeza Ndondeza, amakuru baronse akavuga ko abo bantu boba baciye bagandagurirwa mu Burundi umusi bafatwa. Pacifique Nininahazwe arongoye iryo sekeza, akavuga ko hakwiye kuba amatohoza akwiye muri ivyo bihugu bibiri, kugira abo bantu bimenyekane iyo bajanywe.

VIII. Uyo aharanira gateka ka zina muntu asigura kandi ko abantu n’aho boba bafise ivyaha bikomeye, bajanwa imbere y’ubutungane, kugira bisigure ku vyo bagirizwa. Pacifique Nininahazwe.

IX. Indongozi z’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana, mu ntara zitandukanye, zarandikiye kw’igenekerezo rya 16 za kuno kwezi, umukuru w’uwo mugambwe, zimusaba gutegura inama rukokoma. Icabibatumye, ngo ni amakenga bafise ku majambo yashikirijwe kw’igenekerezo rya 10 za kuno kwezi n’uwuwurongoye, ashobora gutuma uwo mugambwe ugenda akagirire. Ariko rero, komite nshingwabikorwa y’uwo mugambwe, yaciye nayo isohora urwandiko kw’igenekerezo rya 19 uku kwezi nyene, yiyamiriza iryo keti.

Ibindi bisa n'ibi