I. Abantu 12 baraye mu gasho ka zone Kigwena, muri komine n’intara ya Rumonge. Bapfunzwe kw’itegeko rya buramatari w’iyo ntara, abagiriza ko batariko bararima ibigori. Amakuru ava aho mu Rumonge avuga ko abanyagihugu bo muri iyo zone bariko bategekwa kurima ivyo bigori kugira ngo intara izoronke ivyo yerekana muri leta, ivyo bamirira kure kuko bavuga ko imyumbati ari yo ibatunze.
II. Umunyeshure w’umukobwa yiga kw’ishure shingiro rya Cindonyi muri komine Marangara mu ntara ya Ngozi ari mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri komine Marangara kuva kuri uyu wa gatanu. Yagirizwa kwica umwana. Uyo munyeshure akaba yoba yakoroye inda y’amezi atanu. Amakuru ava ngaho i Marangara avuga ko uyo munyeshure yoba yatwajwe inda n’umunywanyi akomeye mu mugambwe uri ku butegetsi, ariko akaba atawushobora kumukomakoma. Igitabo c’amategeko mpanavyaha c’Uburundi kikaba gitegekanya ko umuntu atwaje inda abana bari musi y’imyaka 18 bahanishwa gufungwa imyaka 20.
III. Ubutegetsi bw’i Burundi ngo biragaragara neza ko bufise umugambi wo kuzimanganya ubwicanyi bwakorewe abantu bo mu bwoko bw’abatutsi. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso igisata co mu gihugu ca Canada. Iryo shirahamwe rifatira ku bikorwa vy’umugwi CVR rivugako bicanishamwo abarundi mu gukora ku bwicanyi bwakorewe abahutu gusa. Rifatira kandi ku ngingo iherutse kubuza ko ababishaka bose boja kwunamira abanyeshure b’abatutsi biciwe mu Kibimba mu mwaka wa 1993. Ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso-Canada ryabishikirije kuri uwu wa gatandatu, aho bari baramutse bibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu kwezi kwa gitugutu umwaka wa 1993 mu Burundi. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe.
IV. Mu rugendo umukuru w’igihugu c’Uburundi arimwo mu gihugu ca Tanzaniya, yarasavye ko impunzi zotahuka kuko amahoro yagarutse mu Burundi. Icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi CBDH-VICAR asaba leta y’Uburundi kwitaho umutekano w’igihugu aho gushaka gutahukana impunzi mu gihugu kidatekanye. Léopold Sharangabo asaba leta ya Tanzaniya kwubahiriza amategeko agenga impuzi, aho kwama iriko irashaka kubatahana ku nguvu. Ukaba ari umusi ugira kabiri mu misi itatu y’urwo rugendo Evariste Ndayishimiye ariko arakora mu gihugu ca Tanzaniya. Kuri uyu wa gatandatu, niho hari hategekanijwe ko ava mw’izinga rya Zanzibar akagaruka kubonana n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan.
V. Ngo kwitura igihugu ca Tanzaniya ku bibazo vy’Uburundi ngo bitesha agaciro igihugu c’Uburundi kuko bisa n’ukuzera inze. Bisigurwa n’uwurongoye MAP Burundi Buhire, inyuma yaho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye asabiye mugenzi we wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan gufasha leta y’Uburundi kugira ibihano bafatiwe n’ibihugu vya Buraya bikurweho. Emery Pacifique Igiraneza avuga kandi ko bisa n’uko igihugu ca Tanzaniya ari yo Uburundi butwarirwa.
VI. Ikigabane Kw’Isôko c’uno munsi gishimikira ku bikorwa biheruka gutangura vy’ugucandaga abanyagihugu mu ntumbero y’ukubakingira ikiza Covid-19 mu Burundi.