-
Hari umunywanyi wa CNL ari mu gasho kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Jonathan Sinzumusi yafashwe inyuma yo gukubagurwa n’uwurongoye Imbonerakure muri zone Giharo Erneste Niyonizigiye mu kirabo iwe. Nkuko bivugwa n’abari ng’aho vyabereye, ngo ihagarikwa rya Jonathan Sinzumusi ryavuye ku mpari zadutse mwijoro ryo kuruyu wa gatandatu mur’ico kirabo. Intandukiro ya vyose ngo ikaba ari ikidaji c’inzoga umwe muribo yariko anywe ramwo camenetse.
-
Ishirahamwe ESDDH riharanira agateka ka zina muntu rirababajwe ni honyangwa rya gateka kazina muntu ribandanya ryibonekeza mubusho no mumabohero atandukanye ari mugihugu. Aha iryo shirahamwe rikadomako cane cane urutoke kwihohoterwa ryakorewe umunyororo wo mwibohero rikuru rya Ngozi azwi kwizina rya Bucumi juvenal yahohotewe nuwujejwe umutekano mwibohero Nizeyimana jeremie hari kwigenekerezo rya 15 Gitugutu. Ikibabaje nyene guhohotera uyo munyororo nubu aridegenvya.
-
Iryo shirahamwe rivuga ko abarongoye iryo bohero ry ingozi bahevye abanyororo bajejwe gukurikirana baha ikibanza igiturire gitangwa nabakora ayo mabi.
-
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 gitugutu uno mwaka Ikigo Maison Shalom kizohimbaza isabukuru ry’imyaka 30 iheze gishinzwe. Maragarita Barankitse yatanguje ico kigo amenyesha kwazoba ari akaryo ko kwibutsa abarundi ko umwe wese ariho kubera uwundi ariho. Abarundi bakamenya kubana mubudasa bwabo.
-
Maragarita Barankitse amenyesha kandi ko naho ikigo Maison Shalom catotejwe n’ubutegetsi bw’I Gitega mukukinyaga amatungo yose, ngo ntivyamuciye intege na gato kuko atawushobora guhagarika urukundo.
-
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryaraye ryiyemeje guterera mu bikorwa vyo kubaka ikibuga c’umupira w’amaguru intwari. Ivyo vyashikirijwe ku munsi wa gatandatu na Giani Infantino aho yariko agendera Uburundi. Nayo mu rukino rwo gusiganwa ku makinga, abanyarwandakazi nibo batahukanye ikibanza mw’ihiganwa ryabaye ku munsi wa gatandatu i Bujumbura.