I. Igipolisi c’uburundi cazindutse gusaka kuri uno wa gatandatu mu bigo vy’ababikira Bene Mukama, biri muri zone ya Rohero hafi y’ibiro bikoreramwo uwurongoye igisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura mu gipolisi, avuga ko ataco bashoboye gukura muri ivyo bigo vy’ababikira b’abanovisiya bakirondera indagano zabo. Iryo sakwa ry’igipolisi rikaba ryateye ubwoba abariyo, kuko ari ubwa mbere ivyo biba, kandi ko babasaka gushika no musi y’uburiri bw’abo bihebeye Imana, nkuko amakuru avayo avyemeza.
II. Zimwe mu ngingo zaraye zifashwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura inyuma y’inama y’umutekano yabaye ejo, ntizakiriwe neza na bamwe mu baba mu gisagara ca Bujumbura. Izo nazo ni nk’ingingo yo kugara ubunywero igihe c’isaha zitatu zijoro hamwe no kubuza abadandariza ama unités ku mabarabara mu bice bitandukanye vy’igisagara. Uretse ko vyerekana ko umutekano udakwiye mu gisagara, bishobora kugira ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu n’ubuzima bw’abakora ubwo buzi.
III. Urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-ARUSHA ruranegura ingene ubutegetsi buvuga ikintu n’igihushane caco. Rimwe ngo buvugako amahoro n’umutekano vyiraye mu Burundi ; mu nyuma bugafata ingingo nk’izifatwa mu gihe c’intambara. Jérémie Minani avugira urwo runani, avugako leta y’i Burundi yari ikwiye kwemanga ko igihugu kiri mu ngorane, igafatanya n’abandi mukuzitorera inyishu.
IV. Abanywanyi b’umugambwe CNL baguma bafatwa bagapfungwa, uno musi hakaba hari uwafashwe ku mutumba wa Gitwenzi, muri komine ya Ntega mu ntara ya Kirundo. Ubu akaba apfungiwe mu gasho ka brigade ya Ntega. Mu gipolisi mu ntara ya kirundo batungwa urutoke ntaco bashima kubivugako.
V. Abakozi bo mw’ishirahamwe ry’abigenga ricunga umutekano mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu Alpha Security Company ASEC, baridoga ko baburabuzwa mu kazi kabo. Abidoga, barimwo abakenyezi, bavuga ko bafatwa ku nguvu izuba riva n’ababatwara. Bakagiriza ubuyobozi ko ataco bubafasha babwituye.
VI. Mu kigabane « Kw’isoko » c’uno musi tubabwira akamaro k’umufundi w’indimo ku murimyi mu Burundi.