I. Hari umugore yaraye yishwe n’umugabo wiwe ku mutumba Mutambara komine n’intara ya Rumonge. Iryo bara ryaguye mw’ijoro ry’uwu wa kabiri rishira uwa gatatu. Akaba yoba yamuhoye kurenga ibigo, nk’ukwo amakuru dukura aho kuri uwo mutumba avyemeza. Abanyagihugu bakaba biyamiriza ingendo yo kwihanira.
II. Inyamiramabi zisabwa gukurikiza amategeko mu gihe c’ihagarika n’ipfungwa ry’abakurikiranwako ivyaha bitandukanye. Akamo gaterwa n’umugwi ukurikirana ivy’agateka ka zina muntu CNIDH, mu gihe wabonye ko hariho inyamiramabi zipfunga abantu hahonyanzwe amategeko, bivuye ku kutamenya canke ku gukoresha igikenye. Sixte-Vigny Nimuraba arongoye CNIDH akaba yabisavye inyuma y’itanguzwa ry’inyigisho ku nyamiramabi zo mu ntara z’uburengero bw’igihugu, inyigisho ziriko zibera mu ntara ya Cibitoke.
III. Ubukene bw’amazi buribonekeza ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, kuva ku wa gatandatu w’indwi iheze. Iryo kena rikaba ryaturutse ku muringoti ukura amazi mw’isoko ryo muri komine Kabarore, uyazana mu gisagara ca Kayanza, wamenetse. Abanyagihugu basaba ishirahamwe Regideso gutorera umuti ico kibazo.
IV. Abadandaza n’abihereza ibinyobwa vya BRARUDI barashima ingingo ya musitanteri wa komine Mabanda, yo guhindura abahora bajejwe gutanga inzoga muri iyo komine. Iyindi ngingo yafashe n’iyo gushiraho umugwi uzoza uraraba ko ata bikika mu kiza mu gushaka kudandaza inzoga ku biciro bitazwi n’amategeko. Ariko rero bamusaba ko yokwirikirana ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo, kuko ije kubuza abahora bunguka amafranga y’umurengera kuri ivyo binyobwa bari basanzwe bashorera mu gihugu ca Tanzaniya.
V. Ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’ubushikiranganji bwo gushigikirana, yo gusubiza abana bo mw’ibarabara mu miryango iwabo, ntiyagiye mu ngiro mu ntara ya Muyinga, kuko abo bana bacibonekeza hirya no hino mu bibanza vyo ku mugwa mukuru w’iyo ntara. Bamwe mu bakurikirana agateka k’abana bakavuga ko iyo ngingo itagiye mu ngiro, kubera imvo zitandukanye.