Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/12/2019

Publié le 23 décembre 2019 par Rédaction

I. Ingingo y’ubushikiranganji yo guhagarika Augustin Kararuza mu mabanga yiwe yo kurongora ishirahamwe rya basketball mu Burundi, ngo inyuranye n’amategeko. Bishikirizwa na Lydia Nsekera arongoye Comité National Olympique (CNO) aho amenyesha ko kwubaha ibiringo ari ntabanduka. Amenyesha ko abahanuye umushikiranganji bari bakwiye guhanwa kuko bashize igihugu mu ngorane. Muri CNO bamenyesha ko ivyakozwe n’ibizokurikira batavyemera. Hari mukiganiro yagiranye uno musi n’abamenyeshamakuru.

II. N’imiburiburi amasase igihumbi niyo amaze kudandazwa mu migwi y’aba El Shebab, hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare, bigurishijwe na bamwe mu basirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro muri Somalie. Abarongoye contingent ya 12, bakaba batumva kumwe inzira yokoreshwa kugira ubwo busuma burwanywe. Uwujejwe ipeperereza rya gisirikare Lieutenant-colonel Miburo Nicodème, akaba yamirira kure amatohoza yasabwe n’uwurongoye contingent général de brigade Banyankimbona Richard yari yipfuje ko hamenyekana ababikoze.

III. Igwirirana ry’abantu n’ukubaka ahadakwiye nivyo biriko biratera ibibazo vy’imyuzurira bihitana abantu n’ibintu mu Burundi. Ivyo n’ibivugwa na Pierre Claver Nahimana, umukuru w’umugambwe Frodebu. Ku bwiwe ni vyinshi vyokorwa, aho ngo ni nko  gutera ibiti n’imikobeko. Kandi n’abanyagihugu ngo bakamenya ko bategerezwa guterera agacumu k’ubumwe.

IV. Abantu barenga 40 baritavye Imana , abarenga 90 barakomereka, inzu zirenga 100 nazo zirabomoka muri uku kwezi kwa Cumi na kabiri turimwo mu mihingo itandukanye y’igihugu bivuye kumvura nyishi yatumye imisozi igwa kumazu, inzuzi zuzuye zitaye inzira zigahitana abantu n’ibintu.

V. Amategeko agenga ingene abantu bubaka mu bisagara hamwe n’ayagenga ivyo gucukura ubutare n’ama kariyeri, ngo akwiye gukurikizwa mu ntumbero yo gukinga ibiza n’amasanganya. Bivugwa n’umuhinga mu bijanye n’ibidukikije hamwe no gutunganya isi ivyo bita aménagement du territoire mu gifaransa Bernard Sindayihebura akaba asanzwe ari n’umwigisha muri kaminuza. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho amazi yimvura yataye inzira akabomora amazu agahitana n’abantu ku winterekwa no ku Nyabagere mu gisagara ca Bujumbura. Bernard atangura asigura inkomoko y’izo mpanuka.

VI. Professeur Bernard SINDAYIHEBURA agirako atanga impanuro ku vyokorwa kugirango mwene ayo masanganya ashobore kugabanuka mbere no kugaruka ntagaruke.

Ibindi bisa n'ibi