I. Hari ikiziga c’umugabo catowe kuri uyu wa gatatu, ku mutumba Birimba, wo muri komine n’intara ya Rumonge. Uwo muntu yoba yicishijwe ubuhiri mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, nk’uko ababonye ikiziga ciwe babivuga.
II. Haratowe ikiziga c’umwana w’umuhungu ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, hampande y’uburaro bw’ishure ITABU Karusi, ku murwa mukuru w’intara ya Karusi. Mu gipolisi bavuga ko ico kiziga cari camaze kwononekara, ari na co gituma haciye hafatwa ingingo yo gishingura ico kiziga. Uwo mwana w’imyaka 14, nk’uko vyemezwa n’abo mu muryango wiwe, ngo yahora ari mu bandi bana bahora baja gufungura ivyasigajwe n’abanyeshure bo kuri iryo shure.
III. Ubutegetsi bw’Uburundi buriko burakora ibishoboka vyose kugira buzimanganye ubwicanyi bwagiye burakorwa kuva mu mwaka wa 1993, uhereye ku cibutso c’urwaruka rw’abanyeshure bagandaguwe kw’ishure rya Kibimba, mu 1993. Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso riryamiriza ibikorwa vy’imbonerakure vyo gusambura icibutso co kw’Ibubu, no mu gatumba ahahambwe abanyamulenge bagandaguwe mu 2004. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru wa AC Genocide igisata co muri Canada, aributsa ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryari ryaremeye gushiraho sentare ihana abakoze ubwicanyi, ariko n’ubu haracari ukudahana mu gihugu.
IV. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, zirasaba leta y’ico gihugu kurushaho kuzicungerera umutekano, mu gihe abasirikare b’inteko za ONU MONUSCO zigiye kuva mu gihugu ca Congo. Izo mpunzi kandi zirasaba ishirahamwe HCR ryitaho impunzi, kuzishira kure y’umupaka w’Uburundi n’igihugu ca Congo, ku mvo z’umutekano wazo. Jimmy BISHEMEYE, aserukira impuzi z’abarundi mw’ikambi ya Lusenda.
V. Gupfungwa indwi zibiri no gutanga amande y’ibihumbi 50, ni co gihano kizohanishwa umukobwa wese atarenza imyaka 18, azofatwa ariko aratembera inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Iyo ngingo yafashwe n’abarongoye umutumba Nkayamba wa komine n’intara ya Rumonge. Bagasigura ko ari mu ntumbero yo kurwanya inda z’ishushu. Ariko ababa kuri uwo mutumba bakabona ko harimwo gushaka gukandamiza abanyagihugu.
VI. Umushingantahe Zénon Nicayenzi avuga ko umuhisi président Pierre Buyoya yaranguye ibintu vyinshi cane abarundi bashima. Muri ivyo harimwo amasezerano y’ubumwe bw’abarundi. Zénon Nicayenzi akavuga ko ivyaranguwe na président Pierre Buyoya vyashimishije na Petero Nkurunziza, mu gushigikira Pierre Buyoya ngo yitoze kurongora ishirahamwe mpuzamakungu rishigikira ururimi rw’igifaransa. Pierre Nkurunziza ngo akaba yabigaragaje mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu c’Ubugiriki amusaba ko yoshigikira Président Buyoya mu guhiganirwa kurongora iryo shirahamwe.
VII. N’umuhari w’abakenyezi n’abigeme INAMAHORO uharanira amahoro n’umutekano, urahoza abarundi n’umuryango w’umuhisi Petero BUYOYA, yaranguye vyinshi mu gihugu. Ngo n’umubabaro utagira izina ku barundi bose, ivyo bishikirizwa na Marie Louise BARICAKO arongoye uwo muhari.
VIII. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatatu iminsi 429 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe kuri umwe wese, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.