Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/01/2023

Publié le 24 janvier 2023 par Rédaction
I. Indero n’agateka ngenderwako ka kiremwa muntu. Ivyo vyibutswa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mw’ijambo ryiwe yashikirije kuri uno musi mpuzamakungu w’indero. Ku bwa Antonio Guterres, ngo indero ni yo nkingi y’imibano, ubutunzi eka n’umwizero kuri umwe umwe wese. Ariko rero akongera akavuga ko uburyo bukwiye bubandanije kubura, ico cizere kizohava gitakara.
II. Kuri uwo musi mpuzamakungu wahariwe indero, umuhari MAP Burundi Buhire wasohoye urwandiko, unegura ko leta isa nk’uko itabona akamaro k’igisata c’indero, kuko itacitaho nk’uko bikwiye. Uyo muhari ukabona ko leta ifata ico gisata c’indero nk’uko ari igisata kibayabaye, mu gihe kiri mu bisata bikomeye, bigize umushinge w’iterambere ry’igihugu.
III. Imyidogo ni yose ku bagendesha ivyuma vyo kwiyunguruza baca mw’ibarabara ry’igihugu inomero 11, cane cane mu gice ca Makamba Rutana. Bavuga ko iryo barabara ryononekaye cane. Basaba ababijejwe ko borisanura, ngo kuko bakora bahomba.
IV. Impunzi ziri mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ntizirekuriwe kudandariza hagati mw’ikambi. Iyo ngingo yagiye mu ngiro kuva kuri uyu wa mbere, ifashwe n’umwami atwara ako karere akavuga ko abarekuriwe kudandaza ari abagendana ubumuga gusa, abandi n’ugukorera inyuma y’ikambi. Impunzi z’abarundi zikabona ko zitokorera inyuma y’ikambi mu gutinya ko zigirirwa nabi n’ababembe.
V. Haribonekeza ubukene bw’ingwa mu mashure yo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, kuva igice ca kabiri c’umwaka w’amashure gitangura kw’igenekerezo rya 5 kuno kwezi. Abigisha batanga ivyigwa ku munwa gusa, bigatera ingorane nyinshi ku bumenyi bw’abana. Ivyo bikaba biri mu mashure agenzurwa n’ishirahamwe IRC. Ivyo bigatera ingorane abana n’abigisha kuko hariho ivyigwa bitangwa bibanje kwandikwa.

Ibindi bisa n'ibi