Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/02/2021

Publié le 24 février 2021 par Rédaction
I. Umukenyezi umwe yaraye akomerekejwe atemeshejwe umupanga kw’izosi. Ababanyi bakavuga ko iryo bara ryakozwe n’umugabo wiwe. Ivyo vyabereye muri zone Gasorwe mu ntara ya Muyinga, muri iri joro ryakeye. Ababanyi bakabandanya bemeza ko hasanzwe indyane mu muryango wabo.
II. Imvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguye ku muhingamo wo ku wa kabiri ku mutumba Kobero wa Komine Butihinda, yarahitanye umwana akiri muto atwawe n’imivo, amazu n’ibiterwa birononekara.
III. Imvura nyinshi yaguye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri yarabomoye amazu arenga 65, ihegitari zirenga 5 z’imirima irononekara. Vyabereye muri karitiye Ruziba, zone kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bononewe ibintu n’ayo mazi y’imvura bari mu kangaratete bagasaba abagiraneza kubagarukirako.
IV. Ikiringo c’umugwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo kizohera kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante umwaka wa 2022. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uno wa kabiri na Félicien Nduwuburundi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Frédéric Bamvuginyumvira umunyepolitike yigeze kurongora umugwi w’igihugu ujejwe gusubiza mu zabo abaziteshejwe, avuga ko hari hageze ko abagize uwo mugwi bagenda, kuko ataco wamariye abarundi.

Ibindi bisa n'ibi