Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/02/2022

Publié le 24 février 2022 par Rédaction
I. Abasirikare batatu nibo bakomeretse, ibikoresho bitari bike vya gisirikare birononekara bivuye ku muriro wadutse kuri uyu wa gatatu, mu bubiko bw’ibikoresho vya gisirikare bw’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya, mu rwego AMISOM ahitwa Gorolée, mu ntara ya Joar.
II. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNDD-FDD barahagaritswe kuri uyu wa gatatu muri komine Giharo intara ya Rutana. Bagirizwa kunyuruza umwavu w’ikizungu n’isukari ya SOSUMO. Bagihagarikwa n’uwutwara iperereza muri iyo ntara, baciye bajanwa gusambishwa mu gipolisi  ku murwa mukuru w’iyo ntara nyene.
III. Gushika kw’igenekerezo rya 10 Ntwarante uno mwaka, ni yo tariki ntarengwa yahawe abagendesha amapikipiki, amakinga n’ama moto bita bajaji kutazosubira kwinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ngingo ikaba yafashwe kuri uyu wa gatatu mu nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca yagiranye n’abarongoye igisagara ca Bujumbura, ngo mu ntumbero yo kugabanya impanuka ku mabarabara.  Naho biri uko, bamwe mu barongoye ama zone babona ko abo banyonga amakinga n’amapikipiki bahawe ahantu hato ho gukorera.
IV. Bamwe mubiyunguruza kuri bene ivyo vyuma ntibatevye kugira ico bayivuzeko iyo ngingo. Abavuganye na radiyo Inzamba, bamenyeshako iyo ngingo yafashwe gihutihuti. Abari batunzwe n’ako kazi ko kwunguruza abantu bo bakaba batabona uko bagiye kubaho.
V. N’agakuru keza ku mpunzi ziba mu gisarara ca Kigali no mu turere twa Bugesera na Huye mu gihugu c’Urwanda. Ibanki y’isi yose iherutse gutanga imfashanyo irenga imiliyaridi cumi y’amafaranga y’Urwanda. Ayo mafaranga azofasha mu gusahiriza impunzi zifise imigambi y’ukwiteza imbere biciye mu mugambi bise JAMBERE PROJECT. Izo mpunzi rero zisabwa kugira imigambi hanyuma zikayishikiriza ama banki ari mu gihugu, na yo akabaha ingurane. Uwaronse ingurane nawe ngo azoriha nk’igice c’ingurane azoba yaronse, ayandi ayarihirwe n’ibanki. Patrice Ntadohoka arongoye komite y’impunzi zo mu gihugu c’Urwanda avuga ko ayo ma banki ashobora no kuzotorera umuti ibibazo vy’abazogira ingorane yo kuronka ingwati.
VI. Kuri uwu wa kane ni ho komine Muhanga yaramutswa Musitanteri wayo mushasha. Benoit Ndayizeye akaba ari we agiye kurongora iyo komine inyuma y’aho yari imaze hafi amezi atatu irongowe n’umusitanteri w’imfatakibanza. Uwo na we akaba yari yashinzwe ayo mabanga inyuma y’aho Lambert Nduwimana, afatiwe agatabwa mw’ibohero yagirizwa kuba yafashe ku nguvu umwana w’umukobwa yakora ibikorwa vyo mu nzu, mu rugo rwiwe ruri mu gisagara ca Kayanza. Ariko rero n’ubwo yapfunzwe yamaze mw’ibohero umwanya urume rumara, kuko yahavuye arekurwa ata n’urubanza rubaye haciye nk’ikiringo c’ukwezi kumwe gusa, ubu akaba yidegemvya. Bikavugwa ko ipfungurwa ryiwe ryoba ryagizwemwo uruhara na bamwe mu mvukira z’iyo komine bakomeye mu mugambwe CNDD-FDD.

Ibindi bisa n'ibi