I. Abantu 16 harimwo abavyeyi n’umwana wabo, nibo icariho c’umushikirizamanza wa repubulika ikukira Sentare nkuru y’i Muyinga, yasabiye mu ntahe y’icese y’ejo ku wa mbere, igihano co gufungwa ubuzima bwabo bwose, be no kuriha ihadabu y’imiliyoni 10, bose bakaba bagirizwa gukoresha amangetengete.
II. Umushingamateka yigenga Fabien BANCIRYANINO aratabariza abanyeshure 7, bo kw’ishure ry’imyuga ry’i BUBANZA, be n’umwigisha, bapfungiwe mu gasho k’igipolisi i BUBANZA, indwi irarenze. Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’indero, Fabien BANCIRYANINO asabako abo bafunzwe, urubanza rwabo rwokwihutishwa bagasubira kw’ishure.
III. Abarundi batahutse kuri uyu w’Imana, bashirwa ukwa bonyene kugira ngo basuzumwe umugera wa corona virus, baridogera Leta y’u Burundi kuko babayeho nabi. Abo barundi bari batashe bava mu bihugu bibanyi, bakavuga ko bategetswe kuzirihira amahoteri n’ivyo bazofungura vyose, mu kiringo c’indwi zibiri, kandi ata buryo bategekanije. Basaba Leta y’Uburundi n’abagira neza kubafasha.
IV. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, yagarutse ku kuntu abantu bokwingira ikiza ca corona, naho kitarashika mu Burundi. Nta ngingo yoguhagarika iki canke kiriya irafatwa mu Burundi, ariko Freddy Mbonimpa agasaba abanyagisagara guheba ingeso zimwe zimwe, bivanye n’ibihe isi irimwo. Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko muri bino bihe, abadandaza bazokwikika mu kiza mukuduza ivyo bacuruza ko bazohashwa, aca asaba uwuzobabona ahariho hose ko yobimenyesha kugira mwene abo bantu batuzwe.
V. Mu gihe ikiza ca corona virus kiriko kirasasika inganda mu bihugu vyinshi vyo kw’isi, n’abarundi naho bataraterwa n’ico kiza bategerezwa kwama bagavye bagakurikiza impanuro badasiba guhabwa n’abaganga. Immaculée Hunja, wo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, arafise akamo atera abarundi na cane cane abakenyezi.
VI. Abategetsi b’ibihugu bakwiye gushira imbere kuvugisha ukuri mu bihe bikomeye, nk’ibi vy’ikiza cugarije isi c’umugera wa Covid-19. Bivugwa na Thierry Vircoulon, umuhinga wo mw’ishirahamwe IFRI ry’abafaransa rijejwe imigenderanire n’ibindi bisata, akaba n’umuhingwa w’akarere k’ibihugu vy’ibiyaga binini. Aranegura abategetsi b’Uburundi bariko bihutira kuja mu matora, aho gushira inguvu zabo mu kurwanya ikiza ca Corona. Thierry Vircoulon akaba yabivuze kuri uyu wa kabiri mu gitondo kuri radio y’aba faransa RFI.
VII. Abanywanyi b’umugambwe CNL bavuga ko batotezwa n’imbonerakure. Bamwe basamburirwa ivyabo, ahandi naho bagakubitwa. Ivyo vyibonekeza cane cane mu ma komine ya Ntega na Busoni, y’intara ya Kirundo. Bavuga ko abajejwe intwaro ataco bakora ngo iyo ngendo yo kutihanganirana mu vya politike ihagarare.