Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/03/2022

Publié le 24 mars 2022 par Rédaction
I. Hari ukutumvikana hagati y’umuyobozi w’ibitaro vyo mu Rumonge hamwe n’abakozi bavyo. Abo bakozi bagiriza umuyobozi ko anyonyeza ubutunzi bw’ivyo bitaro. Amafranga angana imiliyoni 79 bavuga ko yakuwe kuri konti y’ivyo bitaro, ubu bakavuga ko batazi iyo yajanywe n’ico yagiye gukoreshwa. Basaba umushikiranganji w’amagara y’abantu gufata ingingo zibereye kugira ayo mahera asubizwe mu kigega c’ivyo bitaro.
II. Igenekerezo rya mirongo ibiri na kane Ntwarante, n’umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igituntu. Mu Burundi, uwo munsi ukazohimbazwa mu kwezi kwa Ndamukiza. Ku bw’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza SIDA, Muganga Sylvie Nzeyimana, abantu bangana ibihumbi indwi n’amajana abiri na cumi na batanu ni bo bapimwe igituntu mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri. Arongera akamenyesha ko ibitera uwo mugera urwira mu gihugu, ari ukubura uburyo n’ibikoresho bikwiye vyo gupima iyo ndwara.
III. Abagwayi b’indwara y’igisukari n’umuvuduko w’amaraso bagiye kuzoza bararonswa imiti ku buntu. Iyo ngingo iri mw’ikete umushikiranganji w’amagara y’abantu aherutse kwandikira abarongoye uturere tw’ubuvuzi. Abagendana izo ndwara barashima iyo ngingo, ngo kuko bahora baronka iyo miti bigoye.
IV. Ukudahana mu Burundi ni co gituma ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu vyimonogoza. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, abivuze kuri uyu musi amakungu ahimbaza umusi wahariwe uburenganzira bwo kumenya ukuri ku bahohotewe, no gusubiza agateka abakorewe amabi, usanzwe uhimbazwa ku wa 24 Ntwarante uko umwaka utashe. Kubwa Me Armel Niyongere, iyo tariki ihamagarira abaharanira agateka ka muntu kubandanya urugamba kugira abahohotewe baronswe ubutungane, bongere basubizwe agateka. Uwo musi mpuzamakungu ukaba wemejwe n’inama ya bose mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuwa 21 Gitugutu 2010.
V. Imfashanyo y’ibitoro biciye imiliyoni 400 z’ama Yen y’amayapani ni yo yahawe leta y’Uburundi itanzwe n’igihugu c’Ubuyapani. Umushikiranganji wo gufashanya k’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro yamenyesheje ko iyo mfashanyo izodandazwa amahera avuyemwo agafasha mu migambi y’iterambere. Nayo uwuserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi Imai Masahiro yamenyesheje ko iyo mfashanyo ije gushimangira umubano mwiza hagati y’Uburundi n’Ubuyapani umaze imyaka 60.
VI. Umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka uriyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa shingiro n’itegeko rigenga amatongo. Umuhari Iteka usigura ko umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo kugira itongo akarikoza ico ashaka. Mw’itangazo wasohoye, uyo muhari ufatira ku kamo umukuru w’igihugu yateye ko kurandura imikaratusi n’ishinge, hagaterwa ibindi cane cane mu ntara kama ya Bututsi. Anschaire Nikoyagize arongoye Iteka akabona ko iyo ngingo ibangamira n’ibidukikije.
VII. Abarundi bahamagarirwa kwijukira guhingura imicafu kugira bayikuremwo ibintu ngirakamaro. Ivyo vyasabwe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, kugira bafashe leta kugwanya imicafu. Félicien Nyorobeka, umuyobozi mukuru w’ibidukikije muri ubwo bushikiranganji, yahamagariye abahingura imicafu gukorera mu runani kugira abashobora kubafasha babasange ahantu hamwe.
VIII. Kuri iyo micafu itabwa hirya no hino mu gihugu, uwaserukiye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya muri ico gisata, yasavye ko abarundi bahindura ingendo bakirinda guta imicafu ahari ho hose.

Ibindi bisa n'ibi