I. Ikibazo c’amafranga yinjira mu kigega ca leta azananye mu basirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia na Centrafrika cagizwe ibanga rya leta. Uko niko umushikiranganganji ajejwe ikigega ca leta yaraye abisiguriye inama nshingamateka, hari kuri uno wa mbere. Domitien Ndihokubwayo yabwiye abashingamateka ko inyishu y’ico kibazo atoyitangira mu nama nshingamateka, akavuga ko uwokwipfuza kumenya amakuru y’uko ayo mafranga atunganijwe, yotumbera mu biro vy’ubushikiranganji bubijejwe.
II. Amadosiye yerekeye amabi yabaye mu Burundi kuva 2015 agiye gusubira kwigwa mu misi iri imbere. Bivugwa n’ababuranira imiryango y’abakorewe ayo mabi inyuma y’umubonano bagiranye kuri uyu wa kabiri n’abagize ibiro vy’umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI y’i la Haye mu gihugu ca Hollande. Kubw’umushingwamanza Armel Niyongere, umwe muri bo, abakorewe ayo mabi botekana kuko ababikoze bategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane.
III. Umushingamateka Olivier Suguru ni we yatowe kuri uyu wa kabiri ngo arongore ihuriro ry’amashirahamwe y’abikorera utwabo CFCIB. Uyo yatowe akaba yari yitoje ari umwe gusa, inyuma yaho umugwi ujejwe gucungera ibijanye n’iyubahirizwa ry’amategeko muri iryo huriro bankiye kwitoza uwitwa Ginette Karirekinyana, yahoze ari icegera c’uwurongoye iryo huriro. Mu bantu batanu batowe muri iyo komite nshingwabikogwa ya CFCIB, akaba ata mukenyezi n’umwe yarimwo.
IV. Uruja n’uruza rw’ibitungwa no kubidandaza rwaraye rubujijwe n’ingingo y’ubuyobozi bw’uburimyi, ubworozi mu ntara ya Muyinga, kubera indwara y’akaranda yateye inka, impene n’intama. Iyo ngingo abayifashe bavuga ko bariko barakora ubushakashatsi ku bitungwa kugira iyo ndwara bayimenye, bongere bayituze. Mu ntara ya Muyinga, iyo ngingo ikaba ifashwe inyuma y’intara za Kirundo, Ngozi na Kayanza.
V. Imyidogo ni yose mu banyagihugu biyunguruza mu gisagara ca Rumonge. Bavuga ko na ho igitoro cabonetse, abakoresha ivyuma vyo kwiyunguruza bobo batagabanije amafranga yo kwiyunguruza. Basaba abajejwe intwaro gufata mu minwe ico kibazo, mu ntumbero yo kwubahiriza ibiciro vyashinzwe.
VI. Abariko barubaka ibibanza bahawe mw’isoko rishasha ryo muri quartier Nyaburumba iri ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, bariyamiriza ingingo yo kwakwa ivyo bibanza. Isoko yo kwubaka ivyo bibanza bayihaye ishirahamwe MITRACOM, na ryo rica ryishingira amafranga y’umurengera ribifashijwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Muri kino gihe bariko babwira abahawe ivyo bibanza ko uwudashoboye kwishura amafranga yategekanijwe yosubiza ico kibanza.
VII. Alexandre Muyenge arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, aremeza ko iryo shirahamwe arongoye rizogira ingorane z’uburyo mu gihe Uburundi buzokwakirira inkino mu kindi gihugu. Ivyo yabivuze kuri uno wa mbere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ni mu gihe Uburundi buriko buritegura kuja mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Côte d’Ivoire mu mwaka wa 2023. Mwomenya ko urukino rwa mbere, Uburundi buzokina na Namibie igenekerezo rya kane z’ukwezi kwa gatandatu (04/06), urukino rwa kabiri Uburundi bukazokwakirira Cameroun mu gihugu ca Tanzaniya igenekerezo ry’icenda uko kwezi nyene (09/06), kubera ko Uburundi ata kibuga na kimwe gikwije ivyangombwa gifise gushika uno musi.