I. Imbere y’umutaga wo kuri uno wa gatatu, niho Commissaire de Police Générale Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa mbere be n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza barahira imbere yo kwinjira mu mabanga. Me Gustave Niyonzima yize amategeko, abona ko bibaye mu gihe hari agahaze, ngo akaba ari imboneka rimwe, aho inzego nk’izo zirahira hariko harakora amabwirizwa shingiro abiri.
II. Igenwa ry’abo bategetsi barahiye uno musi vyerekana ko hagiye kuba intwaro y’igikenye mu gihugu. Ivyo bivugwa na Vital Nshimirimana arongoye urunani Forsc, aho avuga ko n’ikizigizigi cariho ko umukuru w’igihugu mushasha hari ivyo agiye kuzokosora vyari vyononywe n’uwo yasubiriye, caheze.
III. Ingoro y’umugambwe CNL yaraturiwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, ku mutumba Buhogo, komine Nyabihanga, intara ya Mwaro. Abanywanyi b’uwo mugambwe ni bo bashwabadutse baja kuzimya umuriro.
IV. Hari umusirikare arembeye mu bitaro vy’i Ngozi, haraheze indwi yose. Uyo musirikare akaba ari mu bitaro inyuma y’aho akubitiwe cane n’uwutwara ikambi ya 322, afadikanije n’abamucungera ubuzima. Amakuru radiyo Inzamba ifise yo kwizera ava muri iyo kambi, akavuga ko abasirikare bababazwa n’iyo nyifato y’uyo mu commandant, kuko yama ahohotera abo arongoye.
V. Umutamakazi Concessa Nzeyimana arara ntibuca, aho araye uyu musi siho arara ejo. Ivyo biterwa n’agatotezo agirirwa na musitanteri wa komine Kayogoro, y’intara ya Makamba, nk’uko abamwegereye bavyemeza. Amakuru ava i Makamba ko yituye ibiro vy’umuhuza mu ntara ya Makamba ngo arabe ko yotunganirizwa, ariko n’ubu akaba atakiravamwo.
VI. Abantu batatu bari mu minwe y’igipolisi muri komine Itaba mu ntara ya Gitega, kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava muri iyo komine, akavuga ko bafashwe inyuma y’iraswa ry’imodokari kw’ibarabara rya Gitega-Ruyigi.
VII. Amasendika ashika 10 y’abamenyeshamakuru bo mu bihugu vya Africa, barashinze kuri uyu wa mbere ishirahamwe rishasha bise Congrès des journalistes africains. Iryo shirahamwe rikaba rizokurikiranira hafi ibibazo bibangamiye umwuga wo kumenyesha amakuru.
VIII. Abakozi b’urunani FENACOBU, ruhurikiyemwo ama koperative mu Burundi, baridogera urwo runani ko rubakoresha ibijanye n’umugambi w’igihugu wo gutanga ifumbire mu banyagihugu kandi ata ma contrats bafise. Kubw’abo bakozi, contrat ya mbere y’amezi ane yaraheze, babongera iyindi nayo irahera. Ubu rero ngo imyaka igira ikwire itanu, bakora batagira contrat nshasha ibagenga.