I. Umutama w’imyaka 63 yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana. Vyabereye ku musozi Kididiri muri komine Busoni, intara ya Kirundo. Uwo yishwe yaratashe iwe n’amaguru, arwa mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho bisanzwe, nk’uko amakuru ava aho vyabereye abivuga.
II. Abantu batatu ni bo bamaze kumenyekana ko bakomeretse mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba. N’inyuma y’amatati ari hagati y’imiryango ibiri, abahungutse n’abasangwa. Abanyagihugu bo muri komine ya Nyanza Lac bakagiriza sentare idasanzwe, yegukira umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, ko baca imanza babanje kwaka ibiturire, abo banyagihugu bakabona ko ivyo biturire bije gutuma abanyagihugu bacanamwo.
III. Umusore yitwa Magnifique Uwingabiye aherutse gukurwa mu munyororo ku kigongwe c’umukuru w’igihugu yaraye afashwe n’umwe mu bakozi b’igendereza. Ivyo bikaba vyabereye mu ntara ya Kayanza. Abo mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu bavuga ko iyo ngendo yo gufata abantu nk’abo, na cane cane abari bahorwa ivyaha vya politike, yatanguye kuva ingingo y’umukuru w’igihugu yo gutanga ikigongwe ishizwe mu ngiro. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi asigura ko biteye ubwoba ku miryango y’abaronse ikigongwe c’umukuru w’igihugu.
IV. Abanyagihugu bo ku mitumba imwe igize komine ya Mugamba bariko barata izabo bahunga ihagarikwa ryimonogoje ry’imisore n’abakukuruke. Kugira barekurwe, imiryango yabo ibanza kuriha amafaranga ari hagati y’ibihumbi 200 na 600, ayo nayo agahabwa uwurongoye igipolisi muri komine ya Mugamba. Abanyagihugu basaba abajejwe intwaro guhagarika ako gatotezo.
V. Abantu barenga 200 mu kiringo c’iminsi ibiri gusa, ni bo basanganye umugera wa COVID-19, ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo. Amakuru ava aho mu Kirundo amenyesha ko abarwayi basigaye barwarira mu miryango yabo, kubera ibibanza bigenewe kubakira vyarengewe. Abanyagihugu bagatinya irandagata ry’uyo mugera kubera ukudakurikiza amategeko y’ukwirinda no kwikingira.
VI. Abanyagihugu baba mu bice bitanduka ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika bavuga ko amazi y’ico kiyaga yari yateye amazu ubu yagabanutse. Abo banyagihugu bavuga ariko ko naho ayo mazi yagabanutse badahurumbira kuja kuyabamwo kuko umuti w’ico kibazo utaraboneka. Abatari bake babona ko leta yotegekanya kubaronsa ibindi bibanza canke umuzibukiro.
VII. Abashingamateka b’igihugu c’Uburundi ntibari bakeneye ababacungera umutekano mu gihe ubutegetsi bw’i Gitega budasiba kuvuga ko amahoro n’umutekano bihari mu gihugu cose. Bishikirizwa na Gratien Rukindikiza yahoze mu nzego z’umutekano mu Burundi. Ni mu gihe ibiro vy’inama nshingamateka biheruka kumenyesha ko abashingamateka bose batazosubira kuronka abapolisi basanzwe bajejwe gucungera inzego API bahora babacungera umutekano. Ku bwa Gratien Rukindikiza, abo bapolisi bo muri API bategerezwa gucungera umutekano w’abarongoye igihugu, ku rwego rwo hejuru gusa.
VIII. Mu kiganiro Kw’Isôko, tugaruka kw’itegeko rijanye n’ukugaburira ibitungwa mu mpongore. Mbega aborozi bakiriye iyo ngingo gute, ishirwa mu ngiro ryayo ryo riroroshe?