I. Umukenyezi aba ku mutumba Mugomere wo muri komine n’intara ya Rumonge apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi mu ntara ya Rumonge, kuva ku munsi w’Imana. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko uwo mukenyezi yiketswe ko yoba yarakoroye imbanyi abishaka, kuko yahora abonwa yibungenze, ariko mu nyuma akaboneka nk’uwudafise imbanyi. Inyuma y’amatohoza y’abajejwe intwaro, uwo mukenyezi yahavuye ajanwa gupimwa ku bitaro, abaganga bahava bemeza ko yahora yibungenze. Mu gipolisi mu ntara ya Rumonge, bamenyesha ko uwo mukenyezi ariko akorerwa dossier kugira ashikanwe mu butungane.
II. Abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko bafise ingorane yo kwiyunguruza kubera ibura ry’igitoro, baba abava muri iyo ntara baja mu zindi ntara, eka no mu gisagara ca Bujumbura. N’ubwo igiciro c’ibitoro giheruka kuduzwa, basaba ko coboneka ku ma station.
III. Umuntu wese azosubira gufatwa ariko agurisha igitoro ca magendo, azohanwa bimwe vy’akarorero. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane uheze na Rémy Cishahayo, buramatari w’intara ya Kayanza, mu gihe yariko aragirisha inama abadandaza. Ivyo yabishikirije mu gihe igitoro aha nini co mu bwoko bwa essence kimaze imisi ari umuzi w’ibuye, mu gisagara ca Kayanza no mu micungararo. Ingaruka mbi zibandanya zikigaragaza mu kunguruza abantu n’ibintu, nk’uko abanyagihugu bo muri iyo ntara bavyerekana.
IV. Hirya no hino mu gisagara ca Muyinga no mu micungararo yaco, haribonekeza umucafu utandukanye w’ibishishwa n’ibikamvugwa vy’abaharira imisigati. Bamwe mu banyagihugu baharangurira imirimo ntibatinya kwiyamiriza iyo micafu yibonekeza ku mugwa mukuru w’iyo ntara, no mu bindi bibanza biwegereye. Musitanteri wa komine Muyinga, Amédée Misago, agahumuriza ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha.
V. Mu rukirikirane rw’ikete ryandikiwe uwahoze arongoye kaminuza y’Uburundi Pascal-Firmin Ndimira, mugenzi wacu Franck Kaze, aributsa ingingo zafashwe ico gihe, kugira muri kaminuza hagume hari umutekano, na rirya mu ma quartiers yari mu micungararo harangwa umutekano muke. Franck Kaze arongera akibutsa abari bagize comité irongoye kaminuza y’Uburundi hamwe n’abanyeshure bari mu rwego rw’abanyeshure barongoye abandi muri ASSER kuva mu kwezi kwa kane umwaka 1994 gushika mu kwezi kwa gatatu 1995, igikorwa cabatuma bahura ku munsi wa gatatu uko indwi itashe, kugira barabire hamwe umutekano wa kaminuza, abasaba kuva mu gacerere bakavugira Clément Nkurunziza kuko ariko ararenganywa. Ni mu gihe mw’ikete rya mbere yandikiye uwahoze ari umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Pascal Ndimira yerekana ko ari we ashobora kweza Clément Nkurunziza ku vyaha yagirizwa, kuko bafashanyije ibikorwa bitari bike vyo kunagura umutekano muri kaminuza.
VI. Mu makuru y’inkino, kuri uyu w’Imana ni ho hatangura inkino za nyuma z’umuoira w’amaboko zisozera ihiganwa ari zo bita playoff. Imigwi y’Urunani na Dynamo ikaba ari yo n’ubu iriko irwanira igikombe ca playoff. Ejo mu rukino rwari rubereye ijisho, Urunani rwatsinze Dynamo amanota 76 kuri 73. Ubukene bw’ikibuga bukaba bwaribonekeje.