I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ararira akabogoza kubera abacamanza baboheye amaboko imugongo urwego rw’abacamanza. Ivyo umukuru w’igihugu yabishikirije mu nama yagiranye n’abakozi bo muri urwo rwego kuri uyu wa kabiri. Evariste Ndayishimiye yagiriza abo bacamanza ko bugarijwe n’ibiturire.
II. Umukuru w’igihugu c’Uburundi akwiye kureka kwiriza ay’ingona avuga ko ubucamanza bukora nabi, kuko Leta yiwe ibifisemwo uruhara. Bishikirizwa n’umunshingwamanza Vital Nshimirimana yahoze arongoye sendika y’abacamanza bo mu Burundi SYMABU.
III. Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira akaba anarongoye urunani rw’abatavugarumwe na leta CFOR Arusha, ahanura umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye guhagarara magabo agafata ingingo nk’umukuru w’igihugu. Ivyo navyo ngo birasaba gutandukanya inzego muri politike zigakora mu bwingenge, nkuko ibwirizwa nshingiro ribitegeka.
IV. Ikiziga c’umukenyezi caratowe ku musi wa mbere mu masaha ya saa sita, muri zone Kiremba iri muri komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Nkuko amakuru ava aho kuri uwo mutumba avyemeza, ico kiziga catowe kimanitse ku mugozi hafi y’urugo iwe. Umugabo wa nyakwigendera akaba yaciye ahagarikwa ku mvo z’amatohoza.
V. Abavyeyi ngo bari bakwiye kumenya ingaruka mbi zishikira abana mu gihe bagiye kudandazwa. Ivyo bivugwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Ni inyuma yaho kuri uwu w’Imana uheze muri komine ya Rumonge, hahagaritswe umuntu yagirizwa gukora urudandazwa rw’abana. Uwo muntu bikavugwako yabikoze ahawe uruhusha n’abavyeyi b’abo bana. Urunani FORSC rurasaba leta y’Uburundi kurushirizaho kurwanya ibijanye n’urudandazwa rw’abantu rusa n’urwatse indaro mu Burundi muri bino bihe. Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa mu runani FORSC.
VI. Uburenganzira bwo kugira inama canke bwo gushikiriza iciyumviro biri muvyerekana intwaro irangwamwo umwidegemvyo. Ariko rero mu Burundi ubwo burenganzira abanyagihugu ntabwo bagifise, kubera igitsure c’ubutegetsi. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’urunani rw’amashihamwe aharanira agateka ka zina muntu casohotse kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 myandagaro. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa w’urwo runani asaba leta kubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu.
VII. Abanyeshure bose biga mu mashure afise uburaro, bazopimwa ikiza ca Covid-19 imbere y’ugutangura amashure mu kwezi kw’icenda. Ivyo vyashikirijwe na Nzorironkankuze Jean Baptiste, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikirangaji bw’amagara y’abantu, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, inyuma y’inama yahuje abagize umugwi ujejwe kurinda no gukwirakwiza ikiza ca Corona mu Burundi.
VIII. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu baba mu gisagara ca Rumonge. Bakidoga kubera ubucafu buva mu mazu bwabaye umurengera. Ni mu gihe ishirahamwe rijejwe gukura imyavu mu ngo, ryatoje amafaranga kuri buri rugo rwose yo gukura iyo myanda ariko hakaba haciye indwi zitatu ata myavu riratwara. Ivyo bigatuma huzura imyanda muri ico gisagara, mbere bigatera n’umutima uhagaze abanyagihugu kuko ari intandaro y’ukwandura indwara zifatira kw’isuku rike.