Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/08/2022

Publié le 24 août 2022 par Rédaction
I. Amakungu arakwiye kuhagabira kuko abasirikare b’abarundi bari kumwe n’imbonerakure baheruka kurungikwa mu gihugu ca Republika iharanira demokarasi bashobora kwirara mu mpunzi z’abarundi bahungiye muri ico gihugu, na cane cane ko bahunze ico gisirikare n’izo mbonerakure. Bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’ak’impunzi ziri mu ma kambi CBDH-VICAR, mu rwandiko urwo runani rwashize ahabona kuri uyu wa kabiri. Léopold Sharangabo icegera c’uwurongoye urwo runani, avuga ko abo basirikare b’abarundi bashikiye hafi y’ahari impunzi, akabona ko umwanya n’umwanya bashobora kubiraramwo. Akaba abivuze inyuma y’indwi irenga, igisirikare kirungitse abashika 600 ku butaka bwa Congo, abaharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu, bakaba bemeza ko bagiye basangayo abandi bari basanzweyo mu kinyegero bari kumwe n’imbonerakure.
II. Amashure yigenga arenga 30 yarugawe mu gihugu cose kw’itegeko ry’ubushikiranganji bw’indero kuri uyu wa kabiri. Ayo mashure yagirizwa kuba akora adakwije ibisabwa n’amategeko. Nta ruhusha rubemerera gukora, inyubakwa akoreramwo ntizujuje amategeko, n’isuku rike riharangwa.
III. Iyo ngingo yo kwugara amashure amwe amwe yigenga mu gihugu ngo ntiyari mbi iyo ifatwa mu ntango z’ikiruhuko kugira abana n’abavyeyi ntibate wakuba mu kurondera amashure canke ibisata bigamwo bitagikunda. Uko niko bivugwa na Eulalie Nibizi, aharanira indero nziza mu mashure y’intango mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Asigura ko ubushikiranganji bujejwe indero bwari kwitondera iyo ngingo, kuko ingaruka zayo zishobora gutuma bamwe mu rwaruka baja mw’ibarabara.
IV. Inama ya komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura yatoye musitanteri mushasha kuri uwu wa gatatu. Umuhutukazi Triphine Safari yatowe ku majwi 20 kuri 27 y’abari bitavye inama ya komine Kanyosha. Triphine Safari asubiriye umupfasoni Ntahomvukiye Geneviève aheruka kubogozwa n’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano. Mu makosa yagirijwe, harimwo inyuruzwa ry’amafaranga yari agenewe kuziganiriza kazoza abakozi muri INSS. Muri iyo komine, bamwe mu bakuru b’imitumba n’ama zone bavuga ko batari baherutse guhembwa haraciye amezi ari hagati y’atatu n’atanu, bakaba basaba ko mushasha agiye kuramutswa komine yoca abatunganiriza.  Mu matora yabaye, umukenyezi Nkeshimana Marie Suavis yahiganwa na Triphine Safari akaba yatowe ku majwi 7 kuri 27.
V. Umunyororo w’imyaka 2 n’amezi 6, no kuriha ihadabu ry’ibihumbi 100 kuri umwe umwe, n’ico gihano sentare nkuru y’i Muyinga mu ntahe yayo y’icese yo kuri uyu wa 3, yaciriye mu rubanza rw’ikibiriraho abagabo 3 : Saidi Nduwimana, Édouard Nijimbere na Karim Nduwimana, bose bagiriwe n’icaha co kudandaza urumogi. Iyo sentare kandi yafashe ingingo yo gushira mu minwe ya leta imodoka yo mu bwoko bwa Corolla yari itwaye ibiro 87 vy’urumogi rwafatanywe abo bantu 3. Abo bagabo bose uko ari 3 baturuka mu ntara ya Ngozi, bakaba bari bahagaritswe mw’ijoro ryo ku wa 19 Myandagaro uno mwaka, kw’ibarabara rya Cankuzo-Muyinga.
VI. Abantu barenga 18 harimwo abadandaza ibinyobwa vya Brarudi ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, bapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri iyo ntara kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Bose bagirizwa kutubahiriza ibiciro vyashinzwe na leta, nk’ukwo amakuru atandukanye avyemeza.
VII. Mu ntara ya Rumonge havugwa ukutumvikana hagati y’abarongoye intwaro n’abunguruza abantu n’ibintu. Ni mu gihe abajejwe intwaro basaba ko abo bunguruza abantu n’ibintu bokwubahiriza ibiciro vyashinzwe na Leta, nabo bakavuga ko bidashoboka kubera ikena ry’ibitoro.
VIII. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Rutana baragiriza indongozi z’iyo ntara kuba bari mu bagira uruhara mw’iduzwa ry’ibiciro vya bimwe mu bindandazwa vya nkenerwa. Aho abo banyagihugu bakadoma urutoke ku wuserukira abadandaza muri iyo ntara azwi kw’izina rya Juma, ko ari we abo bategetsi bacako mu kwegeranya ibiturire bisabwa ku bidandazwa vya nkenerwa, haba ku badandaza canke abavyifuza.

Ibindi bisa n'ibi