I. Abantu batatu bo ku musozi Myugariro uri muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza, bafungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi kuva kuri uyu wa gatatu. Bagirizwa kuba barishe bakoresheje amahiri, umusore w’imyaka 23 wo ku musozi Kinga uri muri komine ya Kayanza, mu ntango y’indwi iheze. Umuryango y’uwu musore usaba ko ubutungane bwokora, abakoze ubwo bwicanyi bagahanwa hakurikijwe amategeko.
II. Umuntu umwe yarakomeretse bikomeye, atemaguwe n’abantu harimwo n’umukenyezi wiwe, ku mutumba Buheka, komine Nyanza Lac, intara ya Makamba, mu bucagucagu bwo ku munsi wa kabiri uheze. Umukenyezi wiwe ari mw’ibohero hamwe n’abagabo 2 b’ababanyi, bikekwa kuba barafashanije n’uyo mukenyezi. Intandaro y’ubwo bugizi bwa nabi, akaba ari uko uyo mukenyezi yagiriza umugabo wiwe gusesagura amatungo y’umuryango. Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
III. Ama konti y’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere General Alain Guillaume Bunyoni yahagaritswe gukoreshwa mu ma banki y’igihugu cose. Nk’uko bivugwa mw’ikete ry’umushikirizamanza mukuru wa republika Leonard Manirakiza ryo ku wa 14 Myandagaro uyu mwaka yandikiye umuyobozi mukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB, yamusavye guhagarika ibikorwa vyose bikorerwa ku ma konti ya Alain Guillaume Bunyoni, mu ma banki yo mu gihugu cose. Insiguro zitangwa muri iryo kete ry’umushikirizamanza mukuru n’uko hari amatohoza ariko arakorwa ku vyaha Alain Guillaume Bunyoni yagirizwa. Inyuma y’ikiringo c’indwi imwe gusa, umuyobozi mukuru wa BRB na we Dieudonné Murengerantwari yaciye yandikira ku wa 22 Myandagaro ama banki yose n’ayandi mashirahamwe yo kubitsa no kuguranana ko ahagarika ibikorwa vyose ku ma konti ya Alain Guillaume Bunyoni. Tubibutse ko Alain Guillaume Bunyoni yahagiritswe ku wa 21 Ndamukiza uyu mwaka, muri zone Mubone ya komine Kabezi y’intara ya Bujumbura, aca ajanwa gupfungirwa mw’ibohero ry’intara ya Ngozi ku wa 8 Rusama uyu mwaka nyene. Akaba yagirizwa gushika ubu ivyaha bitanu ari vyo: guhangabanya umutekano wo hagati mu gihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, gukoresha ububasha afise mu nyungu ziwe bwite, gutunga ibigwanisho atabifitiye uruhusha hamwe no gutuka umukuru w’igihugu.
IV. Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL ahamagarira inyankamugayo kwitegurira ikoraniro kaminuza ry’umugambwe ritegekanijwe mu minsi iri imbere, ariko akaba atavuga isango rizoberako. Ivyo yabivuze kuri uno wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho avuga ko kazoba ariko karyo konyene ko gutorera umuti ibibazo bihanze umugambwe. Asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kutagira aho ahengamiye, mu matati ari hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL.
V. Abaguzi b’ibinyobwa vy’ishirahamwe BRARUDI baba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yawo, baridogera ababicuruza mu bunywero butandukanye ko babasahura mu kubadugirizako ibiciro uko bashatse. Abo baguzi bakavuga ko kw’icupa bivanye n’ubwoko bw’inzoga, abafise ubunywero birengerezako amafranga ari hagati ya 200 na 400, nk’ukwo biboneka mu bunywero butari buke. Abaguzi bagasaba abarongoye intwaro mu ntara ya Muyinga, gukurikirana hafi ibijanye n’ibiciro vy’inzoga mu ntumbero yo kwubahiriza agateka k’abaguzi.
VI. Abafise ibibanza bitubatse biri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika basabwa kuvyubaka, bisunze ihangiro Leta yihaye y’ishusho igisagara kizoba gifise mu myaka cumi n’itanu iri imbere. Ivyo n’ivyashikirijwe kuri uno wa gatatu n’umushikiranganji ajejwe inyubako Dieudonné Dukundane, mu gihe yariko agendera ahari ivyo bibanza, aho yavuze ko igisagara ca Bujumbura gitegerezwa kuja ku rugero rumwe n’ibihugu vyo mu karere, kuko Uburundi atari akazinga kirebanga.