I. Abantu batatu ni bo baraye bishwe, uwundi arakomereka cane mu bitero vyabaye mw’ijoro ryakeye, mu bibanza bibiri bitandukanye. Igitero ca mbere cabereye ku mutumba Butaganzwa muri komine Mugongo-Manga y’intara ya Bujumbura. Ikindi gitero cakozwe ku rugo rw’umusirikare w’intwazangabo Lieutenant-colonel Aaron Ndayishimiye muri karitiye Mirango ya zone Kamenge, mu gisagara ca Bujumbura. Kuva ku musi w’Imana uheze, nta joro ricijana hatavuzwe ahantu habaye igitero. Abanyagihugu basaba ko umutekano wocungerwa kurusha.
II. Abasirikare batandatu ba AMISOM bari kugarukana amahoro muri Somaliya bakomeretse, imodoka imwe yo mu bwoko bwa blindé irononekara. Ivyo vyabaye mu mutego watezwe n’aba Al-Shabab ku modoka zishiriye ivya nkenerwa ku kirindiro ca Burne bavuye i Johwar. Imodoka yaguye mu mutego ikaba yaciye ku gisasu bita mine anti Char mu gifaransa. Abasirikare bakomeretse bakaba baciye bajanwa kuvurirwa i Mogadishu.
III. Umwana w’imyaka 9 yaritavye Imana ahitanywe n’umucanwa, ku muhingamo wo kuri uwu wa kane. Ivyo vyabereye ku mutumba Cahi, komine Kiremba n’intara ya Kayanza. Inkuru zitangwa n’ababonye iryo sanganya riba, uwo mwana ngo yariko arakina n’abandi, ahava yurira hejuru kw’iyo furu y’amatafari yaheruka gupfungwa mu gihe bari bahejeje kuyiturira. Ageze hejuru, amatafari yaciye atirigana umwana ahava akorokeramwo. Abajejwe intwaro bagasaba abantu bakorera mu bibanza bene ivyo, kwama bitwararika gukingira abana baba mu micungangararo yaho.
IV. Ubutungane bw’Uburundi ngo bukora neza mu bwigenge, leta ikaba iherutse gufata ingingo yo kubwegereza abanyagihugu. Uko niko vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu mu nama ya ONU. Evariste Ndayishimiye akaba abishikirije inyuma y’ukwezi kutarenga amenyesheje ko amakosa akorwa n’abacamanza mu mirimo bajejwe ari mu biteza umutekano muke mu Burundi, kubera kurya ibiturire no kudindiza imanza.
V. Izo mvugo z’igihushane mu bijanye n’ubutungane ngo ziteza isoni uwurongoye igihugu mu maso y’amakungu. Bivugwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Me Janvier Bigirimana ahanura umukuru w’igihugu kwihutira kunagura ibijanye n’ubutungane, kugira n’agateka ka zina muntu kubahirizwe.
VI. Uburundi bwarateye intambwe iboneka mu vy’agateka ka muntu. Vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama igira 76 y’inama nkuru ya ONU i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika. Yaranerekanye ko adashigikiye umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi. Agasigura ko Uburundi budakeneye bene iyo migwi. Abaharanira agateka ka muntu nabo bati nta kuri na guke umukuru w’igihugu yashikirije.
VII. Amalitiro 1136 y’igitoro ca Essence ni yo yafatiwe kuri station BURUNDI PIPELINE PRODUCTS y’umushingamateka Gabriel Ntisezerana ku Masanganzira mu ntara ya Gitega. Ico gitoro cari kibuganijwe mu ma bido kugira kigurishwe ku giciro c’umurengera, nk’uko vyashikirijwe n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe iterambere. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, ngo ntibitangaje kuba hafashwe igitoro ca magendu ku mushingamateka Gabriel Ntisezerana, kuko amaze kuvugwa mu ma dosiye atari make arimwo ibiturire.
VIII. Gabriel RUFYIRI ariyamiriza itangazo ryasohowe rivuga kw’ivyabaye kur’iyo station y’igitoro biri ku gatwe k’abakozi bahakora. Ni mu gihe ishirahamwe BURUNDI PIPELINE PRODUCTS, ribicishije mw’itangazo ryateweko umukono n’umushingamateka Gabriel Ntisezerana, rimenyesha ko ivyo kunyegeza igitoro mu mabido vyakozwe n’abakozi bakorera kur’iyo Station kandi ko batabitumwe namba n’ubuyobozi bw’iryo shirahamwe.
IX. Imiryango itari mike iba ku mutumba wa Kibogoye mu gice c’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga, iridogera abajejwe intwaro kubera urwamo rw’abantu rwarajeko mw’ijoro ryakeye kuri uwo mutumba. Guhera isaha umunani z’ijoro hariko hubakwa igisenge c’inyubakwa y’igorofa, ivyatumye ababanyi barara maso kubera urwamo rw’ibikoresho nk’uko amakuru dukura aho mu Kibogoye abitumenyesha. Abo bakozi bakaba baguma bahondagura ivyuma, bavuza amafirimbi bongera bariririmba.