I. Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD wateguye imyiyerekano yo gushima ibikorwa umukuru w’igihugu amaze imisi akora. Mu gisagara ca Bujumbura hamwe mu habereye iyo myiyerekano, abanywanyi b’uyo mugambwe bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira k’Uburundi. Didimon Mvukiye, umunyamabanga w’uyo mugambwe muri Mairie ya Bujumbura yafashe ijambo, yavuze ko abanyagisagara bashima ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe ingingo zikomeye zo kubogoza abo yise ko ari ba nsumirinda.
II. Gufungwa imyaka itatu, n’ihadabu ry’ibihumbi amajana abiri ni co gihano caraye giciriwe umukenyezi wo mu ntara ya Rumonge akora mu buyobozi bw’indero muri iyo ntara. Yagirijwe na sentare nkuru ya Rumonge kuba yatoje amafranga umwe mu bigisha bo muri komine Buyengero, amubwira ko azomufasha akava muri iyo komine akaja gukorera muri komine Rumonge, hafi y’umuryango wiwe. Ivyo bihano yabiciriwe na sentare nkuru ya Rumonge, mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kuri uwu wa gatanu. Bamwe mu banyagihugu bo mu Rumonge bakaba basaba ko ukuri kwoja ahabona.
III. Imyidogo ni myinshi mu barimyi bo mu ntara za Rutana na Makamba. Bavuga ko batararonswa uruhusha rwo kugombora ifumbire, kugira batangure gutera imbuto mu gihe imvura yatasuye. Abatari bake ngo ntibarashobora kuriha ifumbire kuko bahawe igihe gito. Abo barimyi babona ko bizobacereza guteragira nk’ukwo vyagenze mw’irima riheruka.
IV. Indangamuntu za mbere zikozwe mu buryo bwa none, zizoboneka mu mpera z’uno mwaka mu Burundi. Ama komine 11 ni yo azoronswa izo ndangamuntu. Ivyo bimenyeshwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Ninteretse. Uwo mushikiranganji avuga ko ivyuma vyo kuzikora bimaze gutumwako.
V. Uno musi mu kiganiro « Kw’īsôko », tubayagira ibijanye n’ukumenyesha amatungo y’abategetsi bitegekanywa n’amategeko y’Uburundi.