Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/10/2019

Publié le 24 octobre 2019 par Rédaction

Imisi ibaye itatu abamenyeshamakuru 5 b’ikinyamakuru iwacu bapfungiwe mu gasho  ka komisariya mu ntara ya Bubanza, icegera c’umuvugizi w’igipolisi Moise Nkurunziza aremeza ko atazi ico abo bamenyeshamakuru bagirizwa, ariko ko bikiri mu matohoza y’igipolisi akorwa mw’ibanga. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Umushingamateka Fabien Banciryanino yatowe mu ntara ya Bubanza yabonanye n’abo bamenyeshamakuru aho bafungiwe muri komisariya i Bubanza. Abona ko bahorwa ubusa agasaba ko borekurwa.

Umushingamateka Fabien Banciryanino yatowe mu ntara ya Bubanza aremeza ko no kuruno wakane inkoho zabandanije zumvikana. Agirako asaba aberwa n’amatati ari mu Burundi gushira imbere ibiganiro kuko ingwano itubaka.

Ishirahamwe ry’abameshamakuru batagira imbibe RSF ririyamiriza ihagarikwa ry’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu. Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye rimenyeshako abo bamenyeshamakuru bahagaritswe mu gihe bariko baregeranya amakuru nk’ukwo umwuga wabo ubibategeka.  Ngo bakaba bahagaritswe kugira ngo ivyariko biraba ntihagire uwubica n’ikanda. Iryo shirahamwe rigasaba ko barekurwa atakirinze gusabwa kandi bagasubizwa n’ibikoresho vyabo.

Abanyagihugu baba ku nkengera z’ishamba rya Kibira baratekewe n’ubwoba kuko amasasu aguma ahavugira kuva ku musi wa kabiri igihe  haduka intambara muri komine Musigati hagati y’abagwanyi b’umuhari Red Tabara hamwe n’abajejwe umutekano. Umupolisi umwe akaba yaraye yishwe muri komine Musigati intara ya Bubanza arashwe n’abo bagwanyi. Amakuru ava aho i Musigati aravuga ko hoba hari n’umusirikare yoba yarahasize ubuzima.

Kur’uno  wa kane mu gaturuturu igipolisi  gifadikanije n’imbonerakure cazindutse gisaka ku mutumba Bwoga ni mu gisagara ca Gitega mu ngo zitandukanye z’abanywanyi b’umugambwe CNL. Umukuru w’uyo mugambwe mur’iyo zone azwi kw’izina rya Ferdinand Nshimirimana akaba yaciye atabwa muri yompi.

Umukuru w’inama nkenguzamateka abandanya yemanga amajambo yavuze mu kwezi guheze kuwo wese amenyekanye ko abangamiye umutekano w’igihugu ari uwo kwica. Révérien NDIKURIYO ati ndabivuze ndabisubiriye kandi ndabivuga n’umutima n’ubwenge bwose.

Kuri ayo majambo ashikirizwa n’uwurongoye inama nkenguzamateka, umushingwamanza Armel Niyongere umwe mu baburanira imiryango yabuze ababo bishwe n’inzego za Leta kuva mu mwaka w’2015. Avuga ko ayo majambo azoshikirizwa Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kugira azobe ivyemezo vyerekana koko ko ubutegetsi bw’I Bujumbura bufise uruhara runini mu mabi ariko arakorwa mu gihugu.

Hari ikiziga c’umwana muto caraye gitowe ku murwa mukuru w’intara ya Makamba ku mugoroba w’uyu wa gatatu. Abavyeyi b’uwo mwana bakamenyesha ko bari babuze irengero ryiwe. Bagasaba ko amatohoza yokorwa.

Ibindi bisa n'ibi