Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/10/2023

Publié le 24 octobre 2023 par Rédaction
  1. Hasubiye kwibonekeza imirongo miremire ku ma stations y’igitoro amwe amwe yo mugisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura mubagendesha imodoka mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko Igitoro co mu bwoko bwa essence arico gikenye kuma stations. Abo bagendesha imiduga basaba umukuru w’igihugu gufata mu minwe ikibazo c’ikena ry’igitoro kugira gitorerwe inyishu irama.
  2. Bamwe mubanyagihugu bo mu ntara za Rutana na Makamba bavugako batamenyeshejwe ivyerekeye umugambi wa leta wo gutunga inkwavu. Mbere bamenyeshako bigoye ingene bowushira mu ngiro kubera ubukene bwugarije imiryango yabo. Basaba ahubwo leta gukwiragiza izo nkwavu mu banyagihugu, hanyuma ikanakurikirana ingene ziriko zirororwa.
  3. Hagiye gutanguzwa kuva kw’igenekerezo rya 26 gushika kw’igenekerezo rya 30 gitugutu uyu mwaka isekeza rigira gatatu ryo gutanga urucanco rw’indwara y’ubukangwe ku bana bose b’imyaka itarenga indwi mu gihugu cose. Vyamenyeshejwe kuruyu wa kabiri n’ikigo c’umugambi w’igihugu ujejwe gutunganya incanco PEV mu rurimi rw’igifaransa mu kiganiro bahaye abamyeshamakuru. Ni mugihe kururi genekerzo rya 24 Gitugutu ryahariwe umusi mpuzamakungu wo kugwanya indwara y’ubukangwe. Jean Claude BIZIMANA arongoye uwo mugambi agahamagarira abavyeyi bose kwitabira iryo sekeza kugira abana bose bacandagwe.
  4. Abanyeshure bababa 3500 b’impunzi z’Abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda baramaze gufashwa n’ikigo SHALOM kuva mu mwaka w’2016 gushika muri 2022. Biri mu cegeranyo ico kigo casohoye kur’uyu wa kabiri mu gihe gihimbaza imyaka 30 kimaze gitanguye ibikorwa vyo gufasha abakozwe ko n’amabi atandukanye mu Burundi. Ngo naho rero ibikorwa vy’ico kigo vyaburabujwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015 kirata kirahunga, nta na kimwe cabujije ko gitera imbere kandi kikabandanya gifasha abanyagihugu.
  5. Mu gihe hariko harahimbazwa imyaka 30 iheze ikigo Maison Shalom kivutse, abaserukira impunzi ziba mu bisagara bigize igihugu c’u Rwanda barashima ibikorwa bimaze gukorwa A n’ico kigo gushika uno munsi naho ibihe bitagumye ari vyiza. Patrice Ntadohoka aserukira izo mpunzi aremeza uruhara rukomeye rw’ico kigo mu bijanye n’indero, ubumenyi n’akazi. Akamenyesha kandi yuko bazoguma bashigikiye imigambi y’ico kigo mu gushigikira impunzi.

Ibindi bisa n'ibi