I. Umusirikare umwe yaritavye Imana, abandi babiri barakomereka bivuye kuri grenade baciyeko iraturika mu Kibira. Inkuru dukura aho mu Kibira zivuga ko hari ejo ku wa gatatu, aho abasirikare ba bataillon ya 422 bariko barakizura ku mutumba witwa Nyagakecuru, muri komine Mabayi, hafi y’umupaka w’Uburundi n’Urwanda, barwa mu mutego w’amagrenades watezwe n’aba FDLR.
II. Umuhari M23 utegerezwa kuva mu bice vyose wigaruriye muri Kivu y’Uburaruko. Iryo n’itegeko ryatanzwe mu nama yahuje abakuru b’ibihugu bamwe bo mu karere k’Afrika y’ubuseruko ku musi wa gatatu i Luanda muri Angola. Mw’itangazo ryasohotse inyuma y’iyo nama, hafashwe ingingo y’uko igisirikare c’akarere kirungikwa kugira kigwanye uwo muhari w’abagwanyi, hama kigafata uduce uwo muhari wigaruriye.
III. Ingingo zafashwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ku mutekano muke uri muri Congo iharanira demokrasi, ngo birimwo ingingo zijanye n’imigenderanire myiza ariko zigoye gushira mu ngiro ku rubuga. Ni umwihwezo wa Reagan Miviri akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano muri Kivu yo mu bumanuko. Ku bwiwe, guhamagarira umuhari M23 kuva mu bice wamaze gufata ntibikwiye, mu gihe M23 itigeze igishwa inama kandi ifise ivyo iriko irasaba, co kimwe n’iyindi migwi irwanira ku butaka bwa Congo. Reagan Miviri agafatira ku zindi ngingo nk’izo zafashwe muri kahise, ariko ntizagira ico zishikako.
IV. Kugira ngo akarere na cane cane igihugu ca Congo kironke umutekano, Reagan Miviri asaba y’uko habaho ukuvugana ukuri ku mpande zose zegwa n’umutekano muke muri Congo, hama inyungu z’umwe umwe zikaganirwako mu biganiro bihurikiyemwo bose.
V. Abacamanza bo mu ntara ya Muyinga n’abakukira sentare nkuru isubiramwo imanza yo mu buraruko basabwa n’umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona guhindura ingendo, kugira ngo abantu bose baba bato canke abakuru, bafatwe kumwe iyo baje kubitura. Umushikiranganji Banyankimbona akaba yabivuze kuri uyu wa gatatu aho yararamutse agendera iyo ntara, kugira ngo yumvirize ingorane z’abanyagihugu bidogera ubutungane.
VI. Umugabo w’imyaka mirongo ine n’umunani (48) wo ku musozi Canzara wo muri komine n’intara ya Kayanza, apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu Kayanza kuva kuri uwu wa gatatu. Amakuru dukura kuri uwo musozi, amenyesha ko uwo mugabo asanzwe ari muri batanu batowe mu bahanuzi bo ku mutumba wa Canzara, akaba yafashwe mu gatondo ko kuri uwo musi nyene yivye inka ku musozi Kinga wa komine Kayanza nyene. Abajejwe intwaro ku rwego rwa komine bagasaba abatware bo hasi kubera akarorero keza abo barongoye.
VII. Inyuma yo kubuza impunzi z’abarundi gusohoka amakambi yo mu gihugu ca Congo iharanira demokrasi mu ntumbero yo kubacungerera umutekano haraheze indwi irenga, impunzi zo mw’ikambi ya Lusenda zivuga ko zitabona ingene zizotunga imiryango yazo. Mu gihe bahora bikora ku dufranga baciye inyuma y’ikambi, babona ko bigiye kubagora na rirya ata kintu na kimwe ciyongereye ku vyo bahora bahabwa n’ishirahamwe yitaho impunzi HCR.