Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/12/2019

Publié le 24 décembre 2019 par Rédaction

I. Abantu batatu baraye bapfuye, indwi nabo barakomereka biturutse kuri grenade yatewe kw’isoko nkuru ya Ngozi, hari igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine n’itanu. Uwayiteye akaba yarafashwe n’igipolisi, aho bamufatanye iyindi grenade mu mufuko

II. Hari ikiziga catowe kitagira amaboko n’umutwe kukirometero 1, uva ku murwa mukuru w’intara ya Makamba mu bumanuko bw’igihugu. Ico kiziga catowe n’abarimyi b’umuceri mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, aho cari kiryamitse ku rubuye runini ruri muruzi RUKOZIRE. Abajejwe intwaro n’igipolisi barishikiye ahari ico kiziga, baca bafata ingingo yo kugihamba kuri uyu w’Imana uheze.

III. Abantu batandatu nibo batowe ibiziga mumihingo itandukanye y’igihugu mukiringo c’iminsi indwi iheze, nk’uko biri mu cegeranyo c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka. Abandi babiri barakorewe ihohoterwa rifatiye kugitsina, umwe arasinzikarizwa ubuzima, abandi 55 barahagarikwa bidakurikije amategeko nk’uko biri muri ico cegeranyo. Andrée Nsabimana, ajewe kumenyeshamakuru muri Ligue Itega.

IV. Ukwezi kwa Munyonyo kwaranzwe n’urukurikirane rw’amanama y’abategetsi, kuri bamwe bakaba baranzwe n’imvugo zivuguruzanya ku mutekano w’igihugu, ibi biri mucegeranyo c’urunani RCP rukurikiranira hafi uko ibikorwa vy’imiyerekano n’amanama bitunganywa mu gihugu.

V. Abanyagihugu bari mu gisagara ca Bujumbura baridogera ingingo y’umukuru w’igisagara yo kwugara ububare inyuma y’isaha 3 z’ijoro, narirya ubu hageze mubihe vy’imisi mikuru irangiza umwaka. Kubw’abo barundi baganiriye na Radio Inzamba, uBurundi iyo buba buri mu mahoro, iyo ngingo yo kwihutiwe guhagarikwa kugira abarundi bahimbaze batekaniwe. Bagasaba ko iyo ngingo yosubirwamwo.

VI. Imyidogo ni myishi mu mpunzi z’abarundi zirenga 1000 ziherutse guhungira mw’ikambi ya Mulongwe iri mu gihugu ca Congo, kubera zitararonswa ikarata ibafasha kuronka ibufungurwa. Amakuru dukura muri iyo kambi akavuga ko batanguye kuza bariba mu mirima, kubera badafise ico bafungura. Bagasaba ishirahamwe HCR kubagarukirako vuba bwango.

VII. Abantu 9 kuri 12 bakurikiranwa ku caha co kugandagura Serugo, umukenyezi wiwe n’umwana yonka, nibo Sentare nkuru y’igihugu yo mu ntara ya Muyinga yahaye ejo ku musi wa mbere hahise mu ntahe yayo y’icese, igihano ruhasha co gufungwa ubuzima bwabo bwose, abandi batatu bafashije muri ubwo bubisha, bakaba baciriwe umunyororo y’imyaka 20, nk’uko amakuru radio Inzamba yakuye aho i Muyinga abimenyesha. Sentare ikaba kandi yategetse abo bantu uko ari 12, harimwo umuhungu na se wiwe, kuzoriha indishi y’akababaro ingana ni amafaranga 34.835.000 azohabwa umuryango, nk’uko ayo makuru avyemeza. Ubwo bwicanyi bufatiye ku ndyane z’amatongo bukaba bwateguwe bwongera bushirwa mu ngiro ku mutumba wa Buvumbi, komine Gashoho, mu ntara ya Muyinga, hari mw’ijoro ry’igenekerezo rya 3 rishira uwa 4 Kigarama, uno mwaka nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza.

Ibindi bisa n'ibi